Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/11/2020

Publié le 9 novembre 2020 par Rédaction
I. Hari igitero cakozwe n’abantu bitwaje inkoho, cahitanye umuntu umwe, abandi babiri barakomereka. Hari ku musozi Rurengera, komine Mutaho, intara ya Gitega, mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Ababibonye bemeza ko barashwe n’abantu bari kw’ipikipiki ariko ntibashoboye kumenyekana.
II. Ikiziga c’umusore caraye gitowe mu ruzi Mushara ku mutumba Nyamugari, zone Musenyi, komine Mabanda, mu ntara ya Makamba.  Ico kiziga catowe ku muhingamo wo kuri uyu w’Imana, camenyekanye ko ari ica Manirakiza Isaïe w’imyaka 18, asanzwe aba kuri uyo mutumba nyene wa Nyamugari. Nk’uko bivugwa n’ababanyi b’uwo muhisi, uyo musore ngo yari yabuzwe ku mugoroba wo kuwa gatandatu. Akaba yatowe ikiziga kireremba kuri urwo ruzi Mushara. Nk’uko amakuru dukura mu gipolisi hamwe n’abajejwe intwaro abivuga, ngo amatati y’amatongo yoba ari inyuma y’urwo rupfu. Abantu 3 bikekwako ico caha, bakaba bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza. Abafashwe bakaba bapfungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Mabanda. Ikiziga c’umuhisi na co kiri mu buruhukiro ku bitaro bikukira ishengero Pentecôte, ku Musenyi muri komine Mabanda.
III. Umukenyezi w’imyaka 45 yitwa Jacqueline Minani, yaratowe ari ikiziga  ejo ku w’Imana mu gitondo, mu gitara c’imikaratusi ku musozi wa Kizi, zone Kiremba, muri Komine ya Gasorwe, nkuko amakuru radio Inzamba yakuye  mu babanyi b’umuhisi avyemeza. Abagandaguye Minani Jacqueline, mw’ijoro ryo ku wa gatandatu buca ari ku w’Imana, bakaba babanje  kumutemagura mu mutwe n’umupanga,  mu nyuma bamuca izosi, nkuko ayo makuru abandanya avyemeza. Umwikeko w’uburozi bikaba ari vyo biri inyuma y’ubwo bwicanyi, nkuko amakuru atandukanye abivuga. Abantu babiri bakaba barafashwe n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
IV. Kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11, gushika ku wa gatandatu igenekerezo rya 14 uku kwezi nyene; ubushikiranganji bw’ubutungane buzodandaza icamunara amatungo y’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015. Urunani CFOR-ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta, ruvunira akagohe abo bose bashaka kugura ivyo bintu, ko batokwijajara. Ngo hazogera igihe ubutungane buzosubizwa ijambo, ivyo bintu bigasubizwa ba nyenevyo. Urunani CFOR-ARUSHA rusigura kandi ko ivyo bintu leta ishaka kugurisha, Atari ivy’umuntu ku giti ciwe, ahubwo ari ivy’imiryango. Kubigurisha ngo ntaho bitaniye n’ukuniga imiryango y’abo bantu. Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-ARUSHA.
V. Umushingwamanza Vital Nshimirimana yanonosoye ibijanye n’amategeko, aravunira akagohe abantu boba bafise imigambi yo kugura amatungo y’abantu bagirizwa kuba bashatse  guhirika ubutegetsi. Uyo mushingamwanza akavuga ko abantu bazoba baguze ayo matungo, bazoba bakoze ibinyuranye n’amategeko cane, kubera bazoba baguze ibinyagano. Kubwiwe abazobigura hamwe n’ubutegetsi buhari uyu musi bwabanyaze, bazokurikiranwa n’ubutungane, bitebe bitebuke.
VI. Ipfungwa ry’uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino ngo ntakindi ryerekana atari ugusubiza inyuma demokarasi mu Burundi, hakaba hamaze kwimikwa intwaro z’agahotoro za ryogora duhure. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhuzabikorwa mu mugambi uharanira ihinduka ryiza bise “Tournons la Page”. Umushingwamanza Janvier Bigirimana akavuga ko ubutungane na bwo ari igikoresho c’ubutegetsi. Kwikubita agashi bakamurekura vyoza biha ishusho nziza ubutungane, avuga ko bubohewe amaboko i mugongo n’abatwara igihugu uyu musi.
VII. Abandi bavundiye mu gasho n’abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakwije kuri uno wa mbere, imisi 385 batawe mu mvuto. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe wese, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu yiyamirije.
VIII. Abana 4 barakomeretse, amazu arenga 270 hamwe n’imirima vyarahitanywe n’ imvura ivanze n’igihuhusi, yaguye mu ma komine ya Mpanda na Gihanga, ku mugoroba wo ku musi wa gatandatu. Abanyagihugu bahuye n’ivyo vyago ubu bari mu kangaratete, bagasaba leta n’abanyagihugu kubagarukirako. Ayo makuru aremezwa na musitanteri wa komine wa Mpanda, Nadine Nibitanga, aho avuga ko iyo ivyo vyago vyashitse, abanyagihugu arongoye bari mu bukene kuko bari mu gihe c’itera, agasaba abagira neza kuza kugarukira kuri abo bahuye n’ivyo vyago, kugira babaronse ibisakazo, hamwe n’imbuto zo gutera.
IX. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi, zisaba gutunganirizwa mw’itangwa ry’imfashanyo bahabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ritanga imfungurwa ku mpunzi ariryo PAM. Nk’uko amakuru dukura muri iyo kambi abivuga, ngo hama hibonekeza ibirarane vy’imfashanyo idatangwa, ugasanga umwaka urangiye batayironse. Izo mpunzi zigasaba ko mu mezi ane asigaye, iryo shirahamwe ryobatunganiriza kuko ingaruka zibonekeza aba ari nyinshi mu kibano.
X. Ikibuga c’indege ca Bujumbura kiruguruye kuva kuri uno wa mbere, aho indege ya mbere yo mw’i kompanyi ya Kenya Airways yaguye ku kibuga citiriwe Melchior NDADAYE, igihe c’isaha zibiri z’agatondo. Umuyobozi mukuru w’ikibuga c’indege Habimana Emmanuel, amenyesha ko abantu bose bemerewe kuja mu Burundi, ariko bakubahiriza amategeko yashizweho na leta y’Uburundi,  mu ntumbero yo kwikingira ikiza ca corona virus.
XI. Abantu barenga 85000 baramaze kwandura ikiza Covid-19 mu karere kose ka Afrika y’ubuseruko. Muri abo, abarenga 1300 baramaze kwitaba Imana, igihugu ca Kenya kiza kwisonga. Uburundi buharura gushika uno musi abantu 582 banduye ico kiza, kuva mu kwezi kwa gatatu uno mwaka. 25 muri abo bapimwe ino ndwi irangiye.

Ibindi bisa n'ibi