Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/11/2021

Publié le 9 novembre 2021 par Rédaction
I. Umugabo w’imyaka 56 azwi kw’izina rya Ngendanzi Léonidas batazira Murozi aba mu gace ka Gatanga, ni muri komine n’intara ya Kayanza, yaraye yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uno wa mbere, ahiriye munzu yarasanzwe abamwo. Umwana wiwe w’umuhungu  w’imyaka 22 niwe akekwa ko yoba yagize ubwo bubisha.
II. Bamwe mu bafise abafunzwe mw’ibohero rikuru rya Rutana baragiriza uwurongoye sentare nkuru y’igihugu ngaho mu Rutana kudindiza imanza, cane cane iz’abapfungwa ba politike. Amakuru ava ngaho mu Rutana avuga ko ata rubanza rurangwamwo umunyapolitike rucibwa uwurongoye sentare nkuru ya Rutana atarimwo, kugira ahe intumbero izo manza.
III. Abavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye rya Ruteme muri komine Bugarama y’intara ya Rumonge, bavuga ko umuyobozi w’iryo shure yoba yaranyuruje amafranga yari agenewe kugura ibiyo vy’amadirisha y’inyubakwa z’iryo shure. Ayo mafranga umwaka uraheze yaratororokanijwe, ariko ivyo biyo ntibiragurwa. Umuvyeyi agize ngo arabaza igituma ibiyo bitaragurwa, aca aterwa ubwoba n’uwo muyobozi.
IV. Ishirahamwe MSF risanzwe ryitaho amagara y’abantu mw’ikambi ya Nduta iri mu gihugu ca Tanzania, rirasabwa n’ubutegetsi bw’ico gihugu kugabanya abakozi ryahora rikoresha kugera ku bice 90 kw’ijana (90%). Abadomwako urutoke mu kugabanywa n’abasanzwe ari impunzi z’abarundi bari muri ryo. Aho ni kuva kw’igenekerezo rya 17 za kuno kwezi ; ibitashimishije bamwe mu mpunzi z’abarundi basanzwe bari muri iyo kambi bakabona ko biri mu mugambi wo gushaka kubatahukana ku nguvu.
V. Urunani CBDH-VICAR rwitaho agateka k’impunzi ruriyamiriza iryo hagarika ry’ibikorwa vy’ishirahamwe MSF ryitaho amagara y’impunzi z’abarundi. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR asaba leta ya Tanzaniya n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR guhagarika iyo ngingo ije gutoteza impunzi. Sharangabo asigura ko ibikorwa vya MSF bigiye gukorwa n’ishirahamwe Croix Rouge, rigendera ku mategeko y’abategetsi ba Tanzaniya bitagiye korohereza impunzi z’abarundi muri kino gihe.

Ibindi bisa n'ibi