Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/11/2022

Publié le 9 novembre 2022 par Rédaction
I. Abantu babiri barakomeretse batemaguwe kuri uno wa kabiri ku mugoroba, ku mutumba Kazirabageni muri komine Nyanza-Lac, ni mu ntara ya Makamba. Amakuru dukura aho i Kazirabageni yemeza ko amatati y’amatongo ari yo ntandaro y’ubwo bugizi bwa nabi.
II. Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira umusi wa gatatu nk’igihe c’isaha y’umunani y’ijoro, mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru dukura muri bamwe mu bumvise izo nkoho bavuga ko zamaze umwanya muto, bakikeka ko zoba zarashwe n’abajejwe umutekano bariko bararondera abasuma. Bamwe mu banyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba Agateka kawe bakemeza ko muri iki gihe ubusuma bwimonogoje, mu ma quartiers amwe amwe y’umugwa mukuru w’ubutunzi. Igipolisi c’Uburundi ntaco kiravuga kuri ayo masasu yaraye yumvikanye. Radiyo Inzamba tukaba tutarashobora kuronka umuvugizi waco agire ico avuze kuri izo nkoho zaraye zumvikanye, hagati mu gisagara ca Bujumbura.
III. Ubwicanyi n’ayandi mabi agize imisi akorerwa impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Kakuma mu gihugu ca Kenya, birateye umutima uhagaze urunani CBDH-VICAR ruhurikiyemwo abaharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi. Urwo runani mbere ruvuga ko hamwe atacokorwa mu maguru masha, rushobora kuzokwitwara mu ma sentare yo muri kano karere, kugira ngo abakora ayo mabi bafatwe bongere bakubitwe intahe mu gahanga. Léopold Sharangabo, ni icegera c’umukuru w’urunani CBDH-VICAR.
IV. Ubutunzi bw’igihugu burashoboka kunaguka. Ariko rero kugira ngo bishoboke hari ivya nkenerwa leta itegerezwa gutangura gukora. Ivyo vyemezwa n’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo, rikaba riheruka gushikiriza ubutegetsi ivyokorwa kugira ngo bije mu ngiro. Uwurongoye PARCEM ku rwego rw’igihugu, Faustin Ndikumana, akavuga ko leta itegerezwa gushinga imigwi y’abahinga b’ibisata vyose. Akaba yabivuze kuri uno wa gatatu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru.
V. Aborozi bo muri komine ya Kayokwe, mu ntara ya Mwaro bategekwa gushorera amata y’inka zabo muri cooperative, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe na Musitanteri w’iyo komine. Iyo cooperative ikazogura ayo mata ku mafranga 800 kw’ilitiro, mu gihe ahandi i litiro igurishwa igihumbi. Kubwa Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC, uko n’uguhonyanga agateka k’abanyagihugu ko gutunganya uko bashaka umwimbu wabo. Akavuga ko ivyo vyibutsa ibigori vyononekariye mu bubiko bw’ikigo ANAGESSA. Vital Nshimirimana ahamagarira abategetsi kwubahiriza agateka k’abanyagihugu.
VI. Abaforoma bakoze mu gisata co kurwanya indwara ya Corona mu ntara y’ubuvuzi ya Gitega, baridoga ko bataronkejwe agashirukabute kabo. Bavuga ko bamwe mu bahawe agashirukabute batari barakoze mw’isekeza ryo kurwanya ikiza ca Corona. Basaba abarongoye intara y’ubuvuzi gusabira ako gashirukabute abaforoma batakaronkejwe, kandi barakoze muri iryo sekeza.

Ibindi bisa n'ibi