Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/11/2023

Publié le 9 novembre 2023 par Rédaction
  1. Urwaruka rw’uburundi rusabwa kudakurikira ababahenda bakabarungika muntambara ziriko zirahuza igisirikare c’igihugu ca Congo hamwe n’umuhari M23 niyindi migwi iri murico gihugu kuko ahanini urwaruka arigwo rwama rusiga ubuzima mundwano zose. Ako n’akamo gategwa n’umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’uburundi MIJEB. Bagateye inyuma yaho hari abasirikare b’uburundi bishwe abandi bagatafwa muntambara ziriko zirahuza igisirikare ca Congo n’umuhari M23. Daniel Ngendakumana kumenyeshamakuru muri MIJEB asaba impande zose zegwa n’ikibazo kihari kujahamwe bakaganira kuko intambara atakindi izana atari gusesa amaraso.
  2. Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuruyumusi wakane n’igisirikare c’Uburundi ntaco bavuze ku basirikare bahitanywe n’indwano ziriko ziraba muri Congo cokimwe n’abasirikare b’uburundi bafashwe. Muriryo tangazo bavuga gusa ko abasirikare b’uburundi bamaze kubuzwa n’umuhari M23 incuro zibiri kujana ibipfungwa muduce tumwe tumwe. Bakava ko igisirikare citeguye gufata ingingo zibereye.
  3. Umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose no kuriha indishi yakababaro ingana namafaranga imiliyoni zibiri nico gihano sentare nkuru yigihugu  ya Kayanza yahanishije kuruyu wagatatu kumuhingamo uwitwa Congera Jean Bosco  umugabo wimyaka yababa 27 wo kumusozi  Mihigo commune nintara ya Kayanza. Yagiriwe nicaha co kuba yarishe umugabo yitwa  Petero Nzeyimana wimyaka 40 yaba kumusozi Kinga muri komine Kayanza nyene. Akaba yakoze ubwo bubisha mugihe yarahejeje gucibwa igikonjo nuwo Nzeyimana nyene mugihe yaramufashe ariko yiba ibigori mumirima yiwe hari kumunsi wambere windwi iheze igihe cumutaga.Ayo makuru akavuga ko hariho nabandi bagabo batatu harimwo nicegera cumukuru wumutumba  kInga nabo nyene baciriwe gupfungwa inyaka itatu nokuriha indishi yakababaro ingana numuliyoni umwe wese. Bagirizwa kuba batatabarije umuntu ari mukaga.
  4. Bamwe mu bakenyezi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba bahatswe gufatwa ku nguvu kuruyu wagatatu na bamwe mu banyororo bapfunganywe. Ivyo bikaba vyabaye mugihe bariko barasubizwa mw’ibohero bavuye kwitaba imitahe ya Sentare. Mw’ishirahamwe Rukristu ryishinze kugwanya ihohetegwa rya kiremwa muntu ACAT Burundi baratera ivyatsi iyo nyifato. Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri Acat asaba abajejwe ubutungane kugira amatohoza bakongera bagahana bikwiye abo bagabo bashatse gufata kunguvu abo bakenyezi.
  5. Abantu ba 6 baragandaguwe ba 5 na bo bakorerwa amabi afatiye ku gitsina mu ndwi imwe yo kuva kw’igenekerezo rya 30 gitugutu gushika kw’igenekerezo rya 5 uno mwaka. Biri mu cegeranyo kigira 394 c’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka. Ligue iteka udoma ko urutoke bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure, abajejwe intwaro na bamwe bo mu rwego rw’iperereza ko ari bo kakora ayo mabi.
  6. Abantu batatu barishwe bunyamaswa mu kiringo c’indwi zibiri mu ntara z’uburaruko, ubuseruko no hagati mu gihugu. Ivyo biri mw’itangazo ishirahamwe AVDP riharanira Agateka ka zina muntu, na cane cane ak’abanyororo ryaraye rishize ahabona. AVDP ikaba yihaniza iyo ngendo y’ububisha, isaba ko umuntu apfa ikintu n’uwundi yomushikiriza ubutungane ha kwihanira kugeza kwica.
  7. Amazu arenga icumi yarabomotse , imirima myinshi nayo irononekara cane kubera imvura nyinshi ivanze n’umuyaga yaguye kuri uyu wa gatatu mu bice bidandukanye vyo muri komine ya Ngozi iri mu ntara ya Ngozi nyene. Abanyagihugu bahuye n’ivyo vyago muri kino gihe bari mu kangaratete, basaba leta n’abandi bagiraneza kubagarukirako.
  8. Ibibazo ni vyinshi  mu Barundi basaba ubuhungiro mu gihugu kibanyi ca Kongo iharanira demokarasi. Muri vyo haravugwa ibura ry’amazi hamwe n’ibura ry’ibifungurwa n’ibindi. Abo Barundi bamaze umwaka urenga basaba ubuhungiro, begeranirijwe mu bice bitandukanye mur’ico gihigu basaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kubimurira mu makambi ya Lusenda na Mulongwe.
  9. Urunani rwamashirahamwe aharanira agateka ka nzina muntu akorera mumakambi yi mpunzi CBDH VICAR  ruratabariza impunzi zabarundi baba mwikambi yi Nyarugusu muri Tanzaniya muri kino kiringo bugarijwe ni nzara biturutse kubifungurwa baronswa  vyari bigenewe ukwezi ariko bimara indwi zibiri gusabikaba biheze..Jean Bosco vyizigiro umuvugizi wa CBDH VICAR asaba aberwa nico kibazo kwicara hamwe kugira bagitorere umuti  ndetse bareke nizo mpunzi zi sohoke ikambi kurondera ingene zobaho.

Ibindi bisa n'ibi