Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/12/2019

Publié le 9 décembre 2019 par Rédaction

I. Igenekerezo ya 9 Kigarama, ni umusi mpuzamakungu wahariwe gukinga ivyiyumviro vy’ ihonyabwoko kw’isi. Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakaba bemeza ko   bimwe mu biranga itegurwa ry’ihonyabwoko mu gihugu harimwo imvugo y’urwanko ikumira bamwe, imvugo ishikirizwa cane cane n’abategetsi mu gihugu. No mu Burundi, imvugo nk’izo z’urwanko zikumira bamwe, nizo zibonekeza mu bategetsi.

II. Kugira ngo icaha c’ihonyabwoko kiranduranwe n’imizi mu Burundi; ishirahamwe AC-GENOCIDE CIRIMOSO risaba leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugirango igwanye  imvugo z’amacakubiri aho ziturutse hose. Ngo hakwiye kandi gushirwaho sentare yo guhana abo bose bagirizwa icaha c’ihonyabwoko mu Burundi. Térence Mushano ; ni icegera c’umukuru w’ishirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO.

III. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe Olucome ryiyemeje kurwanya igiturire nisesagurwa ryamatungo ya leta Muburundi ngo ivyo kurwanya igiturire biracari kure nkukwezi naho hariho amategeko  mpuzamakungu canke amategeko igihugu c’Uburundi co nyene cishiriyeho.

IV. Kuri iri genekerezo rya 9 Kigarama ukwo umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abaharanira agateka ka zina muntu. Ku bwa Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, avuga ko uyu musi ushitse mu Burundi abaharanira agateka ka zina muntu batorohewe na gato mukazi kabo. Uyu musi nyene, imyaka ine ikaba iheze, umupfasoni Claudette Kwizera umunyabigega  w’umuhari  uharanira agateka ka zina muntu Iteka, anyurujwe n’abakorera iperereza mu Burundi, akaba ata kuri kuraja ahabona kw’inyuruzwa ryiwe.

V. Ku wa 09 kigarama uko umwaka utashe, isi irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igiturire. Umushikiranganji w’intwaro ibereye Jeanne d’Arc KAGAYO mw’itangazo yasohoye kuri uno munsi, yamenyesheje ko leta y’Uburundi yashizeho amategeko akinga igiturire, guhana abakirya, n’ayandi mabi agikomokako.

VI. Imisi 49 iraheze,abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi na Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu uwu mwaka bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungigwa mu gasho ka komine Bubanza mu  hanyuma bungungururizwa mwibohero  rikuru ry’intara ya Bubanza igenekerezo rya 26 uko kwezi nyene.  Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. Kw’igenekerezo rya 31 sentare nkuru y’intara ya Bubanza niho yafata ingingo yo kubagumiza mw’ibohero.

VII. Kuri uno wa mbere, umugwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru uri mu gikombe ca CECAFA mu gihugu ca Ouganda, watsinzwe urukino rugira kabiri. Watsinzwe na Erythrée, igitsindo kimwe ku busa, ibintu vyatangaje vyongera bibabaza abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi. Kubona rero Uburundi butsindwa n’igihugu kiri mu kibanza 205 kw’isi kuri 208 ku rutonde rwa FIFA rwasohotse mu mpera y’ukwezi kwa Munyonyo, mu gihe Uburundi buri mu kibanza 151, abakunzi b’Intamba mu rugamba, babona ko ibintu vyamaze kuyangara bagasaba ababijejwe, gufata ingingo zibereye kugira umupira w’Uburundi unaguke. Tubibutse ko murukino rwa mbere Uburundi bwari bwatsinzwe na Ouganda ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Ibindi bisa n'ibi