I. Umutama w’imyaka 66 yitwa Jean Bosco Ntahobari yaraye yishwe akerewe izosi, yongera aterwa gerenade. Ivyo vyabereye mu ntara ya Cibitoke, ku mutumba Rusororo wa zone Kiramira muri komine ya Rugombo. Abakoze ubwo bwicanyi ntibigeze bamenyekana, nk’uko amakuru ava ku wurongoye zone Kiramira abimenyesha. Umuryango w’uwo yishwe usaba amatohoza yimbitse, kugira hamenyekane abakoze icaha. Mwomenya ko ata kwezi guheze hishwe abantu 4 mu ma komine ya Mabayi, Mugina na Rugombo muri ubwo buryo nyene.
II. Leta y’Uburundi ngo ntirota yemerera umuhinga wa ONU guhonyoza ikirenge mu Burundi kwirabira no gutohoza uko agateka ka muntu kifashe. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ugufashanya, mu gihe yariko abonana n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, kuri uno wa kane. Ico kibazo caseruwe n’uwuserukira iguhugu c’ubu Hollande, Albert Nshingiro yabakuriye inkoni ku gishitsi, ko Uburundi butazokwemera iyo ntumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Tubibutse ko mu nama iheruka i Geneve ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe ivy’agateka ka muntu, yari yafashe ingingo yo gusubiriza umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi, kugira hajeho intumwa idasanzwe bita rapporteur spécial mu gifaransa. Yaba uwo mugwi warumaze imyaka itanu, yaba uno muhinga mushasha yitezwe kujaho, nta n’umwe leta y’Uburundi iha n’irwere, mu korohereza akazi ko gutohoza amabi afatiye ku guhonyanga agateka ka muntu bikorwa mu Burundi.
III. Kuri uno wa kane italiki ya 9 kigarama ni umusi mpuzamakungu wahariwe abarwanira iyubahirizwa ry’agateka ka muntu. Kabaye akaryo kw’ishirahamwe ry’agateka ka muntu ESDDH ko gusaba leta y’Uburundi kutabandanya gutoteza abaharanira agateka ka muntu. ESDDH isaba kandi irekurwa ry’umushingwamanza Tony Germain Nkina, afunzwe kuva italiki 13 z’ukw’icumi mu 2020, yagirizwa gukorana n’imigwi irwana hamwe n’abafungiwe ivyiyumviro vyabo bose. Germain Rukuki arongoye ishirahamwe ESDDH.
IV. Amatohoza yigenga ategerezwa gukorwa kugira hamenyekane icateye umuriro uheruka guhitana abantu n’ibintu mw’ibohero rikuru rya Gitega, gutyo ababigizemwo uruhara bashengezwe. Biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa gatatu n’urunani FODIB ruhurikiyemwo abarundi baba mu bihugu vya bulaya. Oscar Butare arongoye urwo runani, asaba abarongoye igihugu gukora ibishoboka vyose kugira ibara nk’iryo ntirizosubire gushika mu gihugu.
V. Ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi mu gisagara ca Kayanza no mu makomine yayo burabandanya bwibonekeza, bugatuma abadandaza bikika mu kiza mu kuduza ibiciro uko bashatse. Amakuru dukura aho mu Kayanza yemeza ko ubu abagira imanza kugira baronke ivyo binyobwa, babanza kwandikira uwuserukira ishirahamwe Brarudi muri iyo ntara babanje no kumwereka ivyemezo ko bafise imanza bazokora. Abanyagihugu bagasaba ishirahamwe Brarudi gusubira kubaronsa ivyo binyobwa nk’uko ryahora.
VI. Ubwoba ni bwinshi ku banyagihugu bateshejwe izabo bo mu ntara ya Rumonge na Makamba kubera amazi ya Tanganyika yari yarabateye. Abo banyagihugu bakabona ko amahema babubakiye ashobora kubomoka umwanya uwari wo wose kubera imvura yatasuye. Basaba ko bokwubakirwa amazu.
VII. Kuri rino genekerezo kandi rya 9 Kigarama uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mpuzakungu wahariwe kugwanya igiturire. Uyu musi rero ushitse mu gihe mu Burundi harangwa ikibazo gikomeye co kurya ruswa, kandi ari intambamyi ikomeye mw’iterambere, nk’uko bisigurwa n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, mw’itangazo basohoye kuri uno wa kane. Gabriel Rufyiri arirongoye avuga ko leta y’Uburundi kugira ngo ishike kw’iterambere yipfuza, ikwiye gushira inguvu mu gisata c’intwaro ibereye kugira ishobore kugwanya vy’ukuri abarya ibiturire.
VIII. Mu Burundi kandi, ishirahamwe PARCEM ryifadikanije n’amakungu mu guhimbaza uwo musi. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo, asaba leta gukora ibishoboka vyose bagakurikirana ibijanye n’itangwa ry’amasoko ya leta, hamwe n’uburusho ivyo bita exonération mu rurimi rw’igifaransa.