I. Umushikirizamanza wa Sentare ntahinyuzwa, igisata c’iyungururizo, aherutse gusohora imitahe ihamagaza abakekwa kuba baragize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi muri Rusama umwaka 2015, ngo baze bitabe ubushikirizamanza mu ntango z’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka 2020. Abo bakekwa kuba barashatse guhirika ubutegetsi, harimwo abanyepolitike, n’abasirikare hamwe n’abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru. Bamwe mu baharanira agateka kazinamuntu bamenyesha ko iyo mitahe idatangaje umuntu aravye ibihe vya politique u Burundi burimwo. Ubutegetsi bushaka gukoresha iyo mitahe imvo za politique mu ntumbero yo gutera ubwoba abo bose batavuga rumwe, bashaka kuja mu matora, ku ruhande rumwe. Ku rundi ruhande, iyo mitahe n’icemezo cerekana ko ubutungane bw’Uburundi buguma ari igikoresho c’ubutegetsi kugira bahashe uwo wese bikeka ko atavuga rumwe.
II. Kuri uyu wa kane uheze, ibikoresho bitari bike harimwo amazu n’imiduga vy’ikigo Maison Shalom mu ntara ya Ruyigi, bimwe vyarasambuwe ibindi vyihagirwa n’abajejwe intwaro muri iyo ntara. Ngo abariko barakora ivyo, bangaza impfuvyi n’abarwayi vyahora bifasha ngo vyogereranywa n’ubwicanyi bw’agahomera bunwa. Uko niko umupfasoni Margarita Barankitse arongoye ikigo Maison Shalom abibona.
III. Impunzi z’abarundi baba mw’ikambi ya Mulongwe muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ziratekewe n’ubwoba n’abantu bitwaje inkoho babakubita bakabiba amafranga iyo bagiye gusumira hanze y’ikambi ahitwa Katanga. Kuri uyu wa kane, abantu bambaye umwambaro w’igipolisi ca Congo barivye amafranga 150.000 y’amanyecongo impunzi zigiye gusuma babanje kuzikubita, amakuru yemezwa n’abaserukira impunzi z’abarundi muri iyo kambi.
IV. Umwe mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Nduta yarabuzwe irengero haheze amezi hafi ane. Amakuru dukura mu muryango wiwe, akemeza ko yoba afungiwe mw’ibohero ry’iperereza aho muri tanzania aho yoba akubagurwa. Uwo muryango ugasaba leta ya Tanzania ifadikanije na HCR, gutora inyishu y’izo.
V. Amafranga yababa milliaridi 11 mu mafaranga y’amarundi niyo yatanzwe n’ikigega c’u Bwongereza gishinzwe iterambere mpuzamakungu DFID, ku mpunzi z’aBarundi bahungiye mw’ikambi y’i Mahama mu gihugu c’uRwanda. Nkuko vyanditswe n’ikinyamakuru « Igihe » iyo mfashanyo ikazobafasha mu bijanye no gufungura neza.
VI. Kwinjira mw’ishirahamwe n’uburenganzira bw’umuntu abishaka ariko ntibijamwo agahato. Ivyo n’ivyavuzwe n’uwurongoye umugwi w’igihugu ujejwe agateka kazina muntu mu Burundi CNIDH, Sixte Vigny Nimuraba, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Ivyo akaba abivuze inyuma y’aho hari abigisha bamaze igihe biyamiriza ukuntu bariko barinjizwa mu runani rw’ama syndicat COSSESSONA, kandi batagishijwe inama. Uyo arongoye uyo mugwi avuga ko hari umugwi washinzwe kugira ukurikirane ico kibazo kugira uzotange inyishu mu misi indwi gusa.
VII. Umugwi nserukira gihugu wa basketball mu Burundi uri mu myimenyerezo yo kwitabira ihiganwa rihuza imigwi yo muri kano karere. Uburundi rero bushobora kutazitabira iryo higanwa ryobuhuje na Eritreya, Kenya, Somaliya, Soudani yo mubumanuko na Tanzaniya bivuye ku matati ari muri basketball mu Burundi.