I. Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yakiriye ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere intumwa z’Uburundi zirongowe n’umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, urwaruka, inkino n’imicokama, Ambassadeur Ezéchiel Nibigira. Izo ntumwa zari zizanye ubutumwa bw’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Nk’uko tubisoma ku rubuga rwa Twitter rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Urwanda, ibiganiro bagiraniye vyari bishingiye kugukomeza ibijanye n’ubucuti hagati y’ivyo bihugu bibiri, imigenderanire yari yatosekaye kuva mu mwaka wa 2015.
II. Abasirikare 7 ni bo bamaze kwitaba Imana mu kiringo c’indwi irenga gato mu gihe baba bariko baragira imyimenyerezo ya gikomando, nk’uko mu gisirikare bavyita. Ibikorwa vy’iyo myimenyerezo ibera i Gitega ikaba yaciye iba irahagarikwa. Amakuru ava mu gisirikare akamenyesha ko vyaturutse ku mahiri bakubiswe n’abakoresha iyo myimenyerezo. Basaba abajejwe ibiro bikuru vya gisirikare gukurikirana neza ibibera muri commando.
III. Ibiziga bibiri vy’abagabo ni vyo vyatowe mu ntara ya Makamba ku mutumba wa Nyarubanga muri komine ya Kibago, no mu ntara ya Rumonge ku musozi Gahini muri komine ya Bugarama, hari mu gatondo ko ku munsi w’Imana. Amakuru dukura mu ntara ya Rumonge avuga ko ico kiziga catowe muri iyo ntara catemaguwe. Mu ntara ya Makamba naho nk’uko amasoko ya radiyo Inzamba abimenyesha, ngo ico kiziga catowe kimanitse ku giti c’umwembe. Abegereye uwo muhisi bakavugako atoba yiyahuye ahubwo ko ari abashatse guhuvya amatohoza mu kumumanika.
IV. Igikorwa co gutemagura imirima y’ibitoke n’ibigori mw’ikambi ya Nduta ahasanzwe haba impunzi z’abarundi ni mu gihugu ca Tanzaniya, cabandanije mu gatondo ko kuri uno wa mbere. Bamwe muri izo mpunzi bavuganye na radiyo Inzamba bagasaba ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, guhagarika ibikorwa vy’agatotezo bikorerwa izo mpunzi.
V. Igisata c’uburimyi kigiye kwitabwaho bikwiye kugira Uburundi bushike kw’iterambere rirama. Ivyo vyaraye bishikirijwe kuri uyu w’Imana n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, mu gihe yari mu masengesho yo mu ntara ya Muramvya, aho yari yagendeye. Ariko mw’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, babona ko nyabuna ivyari bikenewe gukorwa vya mbere atabirakorwa. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME asigura ko mu bikwiye gukorwa ubwa mbere leta ikwiye gushiraho politike yo kuvyara ku rugero kuko abantu babaye benshi, kwagura amatongo mu guhindura uko abantu bubaka, hamwe n’uko leta ikwiye gushira amahera akwiye mu gisata c’uburimyi.
VI. Igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru caraye gitanguye, Cameroun yacakiriye ironse intsinzi mu rukino rwa mbere. Muri basketball naho mu Burundi, imigwi ya Dynamo na Young Sister’s niyo yaraye itahukanye ibikombe vy’inkino zari zatunganijwe kugira hamenyekane umugwi mwiza mu bigeme no mu bagabo muri kino gihe.