Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/01/2023

Publié le 10 janvier 2023 par Rédaction
I. Buramatari mushasha w’intara ya Rumonge Léopold Niyonsaba yahawe ikiringo c’indwi imwe yonyene ngo abe yasambuye utugwi tw’abantu bazingamitse iyo ntara. Ivyo yabitegetswe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uno wa kabiri, igihe yari yagiye kumushikiriza icese. Buramatari Niyonsaba yanasabwe kuba yasubirije ba musitanteri baheruka gukurwa.
II. Abarundi bahungutse babiri bapfungiwe mw’ibohero rya Rumonge. Umwe yafatiwe mu ntara ya Makamba haraheze umwaka urenga, uwundi muri komine n’intara ya Rumonge haraheze amezi atatu. Bagirizwa kuba bahoze mu migwi igwana. Ivyo abegereye imiryango yabo bavuga ko ari irementanya bakorewe n’iperereza.
III. Abantu 10 431 ni bo bari bapfungiwe mu mabohero atandukanye yo mu gihugu c’Uburundi muri aya mezi atatu aheze. Biri mu cegeranyo ca ACAT Burundi, ishirahamwe rukristu rijejwe kugwanya  ihohoterwa rya kiremwa muntu. Ivyo bitigiri bikerekana ko agateka k’abanyororo katubahirijwe mu Burundi, kuko ayo mabohero atari akwiye kurenza abanyororo 3 500 gusa, ni ukuvuga ko harengako abanyororo 6 931. Iryo shirahamwe risaba leta y’Uburundi kwubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira abanyororo.
IV. Sixte Vigny Nimuraba yaraye atowe ubugira kabiri n’inama nshingamateka kuri uno wa mbere kugira ngo arongore umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu. Bashasha batowe akaba ari batanu, muri bo hakaba harimwo abahutu batatu n’abagore babiri b’abatutsi. Nimuraba akaba yatowe ijana kw’ijana n’abashingamateka bitavye ico gikorwa.
V. Akaburi n’ikibanza gikwiye gusonerwa co kimwe no kwubaha kiremwa muntu. Abantu na bo batubaha akaburi gahambwemwo abantu, bigaragara ko batubaha umuntu akiri muzima. Bisigurwa na Ernest Nkurunziza, umunyamabanga shingwabikorwa w’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Akaba abivuze mu gihe uruhande rumwe rw’akaburi ko muri zone ya Kanyosha rwahawe abagwizatunga, ngo barwubakemwo inzu. Ubu abanyagihugu bakaba bataronka aho bashingura ababo. Uyo yanonosoye ibjanye n’inyifato y’abantu asaba abarongoye leta guhagurukira abo bantu badasonera ahashinguwe abapfuye.

Ibindi bisa n'ibi