Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/01/2024

Publié le 10 janvier 2024 par Rédaction
  1. Ikibazo c’umuyagankuba cabaye akananirabahinga mu gisagara ca Bujumbura. Mu makaritiye yo mu buraruko bw’ico gisagara, abanyagihugu bavuga ko bashobora kumara indwi yose canke irenga bataronse amatara. Abasinzikara gusumba, ni abakora imirimo isaba umuyagankuba, aho bavuga ko bibiteranya n’aba kiriya, hamwe na ba nyene amazu baba bakotesheje. Basaba Leta gukemura ico kibazo.
  2. Imyidogo ni yose mubakozi bakora murunani rwa mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana Fenacobu.Invo nyamukuru ni ubusumbasumbane budasanzwe buhabwa abarangurira imirimo muri iryo shirahamwe iyo barungitswe kurangura imirimo inyuma yaho basanzwe bakorera,Umukozi wa Fenacobu akaba aronka amafaranga ibihumbi mirongo ine kumunsi mugihe abaserukira abanywanyi biryo shirahamwe bobo baronka ibihumbi amajana atatu na mirongo itanu,Abo bakozi babona ko ari akarenganyo bagasaba ko ivyo bintu vyosubirwamwo.
  3. Abakozi bo kw’ivuriro rya Maramvya riri muri komine ya Gatara mu ntara ya Kayanza baheruka gukurwa mu kazi bazirako batavuka muri iyo ntara, babwiriwa kurenganurwa bagasubizwa mu kazi kabo. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza yanonosoye ivy’amategeko Janvier Bigirimana. Akaba yiyamiriza iyo ngendo y’umukoresha yabakuye mu kazi, ingendo asigurako iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro n’amategeko agenga akazi mu Burundi. Asaba abajejwe intwaro n’abajejwe ubutungane kurandurana n’imizi iyo ngeso igayitse kandi yatay’igihe.
  4. Imvura yaguye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri mu bice bigize commune n’intara ya Ngozi, yarononye amahegitari y’imirima y’umuceri ataramenyekana igitigiri. Aho hakaba ari mu mwonga w’uruzi Nyakijima 1 na 2, muri komine n’intara ya Ngozi. N’ubwo biri uko, abajejwe ivy’igisata c’uburimyi muri iyo ntara barizeza ko mu gihe iyo mvura yogabanuka, uwo muceri ushobora kuzovyuka. Muri kino kiringo nyene c’imvura imaze igihe kitari gito igwa mu gihugu, hakaba hamaze kwononekara amahegitari ashika 250 y’imirima y’umuceri mu ntara yose ya Ngozi, ahasinzikaye kurusha ahandi hakaba ari mu myonga yo muri zone Rukeco muri komine Busiga. Iyo mvura ikaba imaze n’ukwonona imirima y’umuceri iri ku mahegitari 20 yo mu myonga ya Gisyogosyogo na Rimira, muri komine Gahombo n’intara ya Kayanza ihana urubibe n’intara ya Ngozi. Abanyagihugu bo kuri izo mpande zose bakamenyesha ko kubera ata mwimbu biteze, abagiraneza bobagarukirako.
  5. Dutandukire igisata kijanye na politike.Ingingo zifatirwa umugambwe CNL wa Agathon Rwasa ngo zoba zifatwa n’umugambwe CNDD FDD. Ivyo bivugwa na bamwe mubitavye inama zakoranijwe na Réverien Ndikuriyo arongoye CNDD FDD ku rwego rw’igihugu kuruyu wa mbere mu ma zones yose ya commune Giharo. Abo banywanyi bakababazwa nuko uwo mukuru w’umugambwe atakintu na kimwe yavuze kubwicanyi bumaze imisi buhekura abanyagihugu bo muma zone agize iyo komine, bwagirizwa imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD arongoye.
  6. Imbere yo gusozera ano makuru leta yaraye itangaje ibiciro vy’ikiro c’ibigori. Umurimyi azoshora ikiro ku mafaranga 1 700, mu gihe mu mwaka uheze cari ku 1 200. Umushikiranganji w’Ubudandaji akavuga ko ico giciro cashinzwe hisunzwe ibisabwa kuva ibigori biterwa kugeza vyimburwe. Marie Chantal Nijimbere yabimenyesheje mu kiganiro we n’abandi bashikiranganji, hari mwo uw’Uburimyi, bari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Akaba yaranashikirije ibiciro uko bizogenda bitandukana, bivanye n’aho bishorewe.

Ibindi bisa n'ibi