I. Amajambo ya Evariste Ndayishimiye aho avuga ko impunzi zisumbwa n’ibikoko, ntabereye umukuru w’igihugu. Uwuserukira impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Mahama, mu gihugu c’Urwanda, ariyamiriza bene ayo majambo afise intumbero yo gutyoza impunzi. Jean Bosco Kwibishatse amenyesha ko n’aho impunzi zitaba zifise ubuzima nk’ubwo zari zifise zikiri mu gihugu iwabo, ubuzima bubandanya nk’abandi bantu.
II. Amabi afatiye ku gitsina akorerwa abakenyezi, arabandanya kwibonekeza mu gihugu. Mu cegeranyo co mu kwezi kwa mbere giheruka gusohorwa n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, havugamwo amabi y’ugufata ku nguvu, ubwicanyi, bikorerwa abana b’abigeme n’abakenyezi. Muri uwo muhari, bavuga ko ivyo vyose biterwa n’ukudahana.
III. Abantu 5 harimwo n’umwigeme umwe, bahagaritswe n’igipolisi mu gitondo co kuri uno munsi wa gatatu. Abo bose bahagarikiwe ku musozi wa Jimbi, komine Kibago, intara ya Makamba. Nk’uko amakuru dukura mu bajejwe intwaro abivuga, ngo bahagaritswe n’igipolisi mu gihe cari mu bikorwa vyo gusaka no gusuzuma impapuro ndangamuntu. Inyuma y’ihagarikwa, bakaba baciye bajanwa muri komisariya y’igipolisi ahonyene i Jimbi, ku mvo z’amatohoza.
IV. Imyidogo ni myinshi mu bakozi atari abarimu muri kaminuza y’Uburundi. Imvo akaba ari uko haheze imyaka 6 baduga ama grades ariko ntibongerwe imishahara. Abo bakozi bakerekana ukuntu hari abandi banganya imyaka y’akazi, babasumvya imishahara. Abo bakozi basaba bashimitse ubushikiranganji bakukira kubatunganiriza.
V. Imyidogo ni yose mu banyagihugu ba komine Muyinga basanzwe bakoresha imiduga itwara ibintu yo mu bwoko bwa Benne. Ivyo bikaba vyaturutse ku ngingo musitanteri wa komine yafashe yo kuduza igiciro co gukotesha iyo miduga, atagirishije inama bene imodokari n’abazikotesha. Ico giciro kikaba cavuye ku mafranga ibihumbi 230.000 kija ku bihumbi 260.000 ku musi.
VI. Ibiciro vyo gutumatumanako amakuru mw’ishirahamwe LUMITEL biherutse kuduzwa ku banywanyi b’iryo shirahamwe basanzwe bagwiriye mu gihugu c’Uburundi. Mw’ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta baranegura iyo ngingo ifatwa, Leta ntigire ico ibivuga ko mu gihe ari yo ifise ububasha bwo gukingira inyungu z’abanyagihugu b’abaguzi. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe avuga ko umuti ari uko abanywanyi ba LUMITEL boheza bakavavanura, bakarondera aho batazimbwa mu gutumatumanako amakuru.