I. Ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, ukwakwa ubwenegihugu, kwakwa uburenganzira ku mateka agenga abantu n’ivyabo, gutakaza ubuvyeyi, ni co gihano sentare nkuru ya Ngozi yaciriye kuri uwu wa gatanu umwigeme w’imyaka 23 azwi kw’izina rya Wizeyimana Gaudence. Akaba ari uwo ku mutumba Kabari, muri komine Kiremba n’intara ya Ngozi, aho bita ku Masanganzira. Hari inyuma y’aho yagiriwe n’icaha c’ukuba mu bucagucagu bwo ku musi wa gatatu uheze, yarishe kandi yabiteguye, abana biwe babiri b’amahasa b’amezi atatu. Abo na bo akaba yabataye mu kazu ka surwumwe. N’ubwo mu kwiregura yavuze ko yahisemwo kwikora mu nda kubera atabona uko ari bubarere, na rirya yari ashumvye kwa mukuru we agaca asaba guhanishwa igipfungo c’imyaka itanu, sentare yamubwiye ko mu gihe yabona ko bimugoye kubarera, yari gupfuma abasiga aho yaba, akomoka ariko atabanje gukora icaha nk’ico.
II. Abana b’abigeme barenga ibihumbi 3.600 ni bo bamenyekanye ko batwajwe inda bakiri kw’ishure, kuva mu mwaka w’ishure wa 2018 gushika mu mwaka wa 2021. Ivyo bitigiri tubisanga mu matohoza y’ishirahamwe FENADEB riharanira ineza y’abana. Mubagirizwa ayo mabi ngo harimwo abayobozi b’amashure, abarimu n’abandi barezi. Ferdinand Simbaruhije avugira ishirahamwe FENADEB, asaba leta gutuza iyo nyifato igayitse biciye mu guhana vy’akarorero ababikora.
III. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo muducimbiri twa Kajaga na Kinyinya turi muri komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura. Ni mu gihe amazi y’umwuzurira yugarije utwo ducimbiri uko ari tubiri, aho ata wukironka n’aho ahonyora. Nk’uko bamwe mu banyagihugu basanzwe baba muri iyo micungararo baganiriye na radiyo Inzamba babimenyesha, ayo mazi azanana hirya no hino, yugarije amabarabara aja kw’ishure rya Kinyinya ya mbere hamwe no kuri zone, aho n’imodoka idashobora kurengana. Abo banyagihugu bagasaba abajejwe intwaro gutorera umuti ico kibazo, kuko gihagaritse umutima abavyeyi barereye kuri iryo shure n’abasanzwe baba muri utwo ducimbiri.
IV. Abakozi b’ishirahamwe rihingura icayi OTB Rwegura mu ntara ya Kayanza bajejwe kwaha icayi, baragabisha ko bashobora guhagarika akazi. Igituma ngo n’ukwo bataronswa agahembo kangana n’abakorera ku yandi mahinguriro bakora bimwe. Abakorera mu zindi OTB bahembwa amafranga y’amarundi 2500 ku munsi, mu gihe bobo bahembwa 2000 gusa. Bagiriza uwurongoye OTB Rwegura bita Gérant, kunyuruza amafranga yabo kuko bavuga ko bamaze kumenya n’ubundi burusho bataronswa.
V. Abajejwe intwaro muri komine Muyinga iri mu ntara ya Muyinga nyene ngo bagiye kuvira hasi ibinebwe biri muri iyo komine. Bivugwa na Laurent Kayumba, umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ivy’ubutunzi. Ngo ni muri iyo ntumbero kuri uwu wa kabiri wo muri iyi ndwi, bafashe abantu umunani bari ku ma ligala ku murwa mukuru w’iyo komine, baca babajana gufasha mu bikorwa vyo kwubaka ibiro vya komine bishasha, mu nyuma bararekurwa. Abo bajejwe intwaro bahamagarira abanyagihugu kwijukira ibikorwa bakarwanya ubunebwe.
VI. Imfashanyo igiye kongerezwa ku mpunzi z’abarundi zahungiye muri kano karere zipfuza gutahuka kugushaka kwazo, gutyo zizoshobore kuronka ikizitunga mu misi ya mbere. Vyashikirijwe na Filippo Grandi, Commisssaire mukuru w’ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu i Bujumbura. Kuri uyu wa gatandatu naho ngo azoja muri Tanzaniya igihugu cakiriye impunzi nyinshi z’abarundi ayage n’abarongoye ico gihugu ingene izo mpunzi zobandanya zitaha.