Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/03/2020

Publié le 10 mars 2020 par Rédaction

I. Aba candidat bane muri cumi baheruka gushikana ama dosiye yabo mu murwi CENI, ngo bahiganirwe ikibanza c’umukuru w’igihugu nibo batemerewe n’uwo murwi, ngo kuko ama dossiers yabo adakwije ibisabwa n’amategeko. Abo bankiwe akaba ari Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL, Anicet Niyonkuru arongoye CDP, Valentin Kavakure yoserukiye umugambwe FPN hamwe na Domitien Ndayizeye yari yashizwe imbere n’urunani Kira Burundi. Bikaba vyatangajwe kuri uno munsi wa kabiri n’uwurongoye umurwi ujejwe gutunganya amatora Pierre Claver Kazihise.

II. Valentin Kavakure yashizwe imbere n’umugambwe FPN Imboneza avuga ko yatangajwe n’ukwo umugwi CENI wabakuye mu mahiganwa ku ntebe y’umukuru w’igihugu, avuga ko agiye kuzosubira kuwitura yisunze itegeko rigenga amatora. Itegeko rigenga amatora rikaba ritegekanya ko uwutanejerejwe n’iyo ngingo y’umurwi CENI, afise uburenganzira bw’ukwitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro hatarenze imisi ibiri gusa.

III. Igipolisi cazindutse mu gaturuturu ko kuri uwu wa kabiri,  kigira uruhigi rw’impunzi z’abakongomani bo mu bwoko bw’Abanyamulenge baba mu gisagara ca Muyinga,  batabifitiye uburenganzira. Abababa 30 bakaba aribo bafatiwe mu ma karitiye yo ku mugwa mukuru w’iyo ntara nkuko ayo makuru dufise avyemeza. Bagifatwa bose, batwawe muri commissariat y’igipolisi mu ntara,  aho babazwa ibijanye n’imvo zituma bataba mw’ikambi ahari izindi mpunzi. Benshi mu bari bafashwe bashoboye kurekurwa, ariko babanje kwerekana impapuro zibaha uburenganzira bwo kuba mu gisagara ca Muyinga. Abashika 5 nabo  igipolisi kikaba cabagumije, ngo kuko badakwije ivyangombwa.

IV. Abasirikare 37 harimwo intwazangabo 4, zahoze mu gisirikare ca kera, bose bahora mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalia, barahagaritswe batahutse kuri uyu wa Mungu, bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igisirikare. Amakuru yo kwizera Radio Inzamba ikura mu gisirikare c’Uburundi, yemeza ko izo ntwazangabo 4 zataweko ahanini amakosa, yakozwe na bamwe mu basirikare bahoze mu muhari warwana CNDD FDD aribo PMPA, mu bitero vyakozwe mu mwaka uheze muri Somalia.

V. Ikiringo c’amatora Uburundi bugiye kwinjiramwo n’igihe kidasanzwe  kubijanye n’ agateka ka zina muntu. Ivyo niko umurwi wa ONU ugira amatohoza ku Burundi ubibona. Doudou Diène arongoye uyo murwi akaba yabishikirije mu nama yo gusigurira inama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, kuri uyu wa mbere I Geneve, uko ibintu vyifashe ubu mu gihugu mugihe hariko harategurwa amatora. Doudou Diène avuga ko ivyegeranyo basohora ari ishusho y’uko agateka ka muntu kifashe mu Burundi. Doudou Diène asaba amakungu gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi, na cane cane akarere gasabwa guterera kugira mu Burundi haboneke ituze.

VI. Umwe mu baharanira agateka ka zina muntu yari muri iyo nama y’i Genève, ni Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT Burundi.  Akavuga ko yashimijwe cane n’intererano y’ibihugu bitandukanye, vyagiye birerekana aho bihagaze canke bitanga n’intererano inyuma y’icegeranyo c’umugwi w’amatohoza ku Burundi.

VII. Abantu batatu nibo bagandaguwe mu kiringo c’indwi iheze, nk’ukwo biri mu cegeranyo c’umuhari Iteka gisohoka buri ndwi. Ico cegeranyo kiranerekana n’ayandi mabi yakozwe ahohotera agateka ka zina muntu. Andrée Nsabimana, ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari Iteka.

VIII. Abantu 12 bari mw’ibohero kuva kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2020. Bose bavuka ku mutumba Mahango, komine ya Matana intara ya Bururi. Bahagaritswe babanje kuborezwa igufa n’urwaruka rw’imbonerakure, ruri kumwe n’abapolisi inyuma y’igandagurwa ry’imbonerakure Eric Niyongabo. Amakuru ava ngaho i Mahango, avuga ko iyo mbonerakure yagandaguwe n’izindi mbonerakure zimuhora ko atakwirikije amategeko yari yatanzwe n’umugambwe CNDD-FDD, mukwandika abazotora ku mutumba wa Mahango.  

IX. Umuntu umwe yaragandaguwe n’igipolisi, abandi batatu barahagarikwa kuri uyu wa mbere, ku mutumba GAKARANKA, zone KIVUMU, muri komine MUGAMBA, y’intara ya BURURI. Amakuru ava muri iyo komine, yemeza ko igipolisi cari ciketse ko uwo yishwe, yoba yakorana n’imirwi y’abitwaza ibirwanisho.

Ibindi bisa n'ibi