I. Hari umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bagera kw’ijana bajabutse uruzi Rusizi bambaye inyambaro y’igisirikare c’Uburundi baja muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuri uyu wa kabiri. Bivugwa ko boba bagiye basanga abandi bajabutse mu ndwi iheze. Abanyagihugu b’i Buganda mu ntara ya Cibitoke aho bajabukanye, bavuga ko harimwo abatwawe n’uruzi Rusizi.
II. Imiryango irenga 400 yo muri site ya Kigaramango muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura, yaronkejwe n’ubushikiranganji bwo gushigikirana, uburyo bwo gupanga amazu kuri uno wa gatatu. Iyo miryango ikaba yari yaromowe aho yahora n’imyuzurira y’uruzi Rusizi rwataye inzira imbere y’ukujanwa muri iyo site. Imelde Sabushimike, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’ugushigikirana yasavye abaronkejwe iyo mfashanyo kuyifata neza.
III. Impunzi zo mw’ikambi ya Nyarugusu, ni mu gihugu ca Tanzaniya zirabandanya kubuzwa uburenganzira bwazo. Muri iki gihe bakaba badafise uburenganzira bwo gusohoka ikambi bivuye ku bategetsi b’ikambi. Urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike uriyamiriza iryo hohoterwa ry’impunzi rigamije kubatahukana ku nguvu. Bishikirizwa na Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa muri FORSC.
IV. Imbere yo kubuza ko ibigori n’ifu yavyo vyinjizwa mu Burundi, hari hakwiye kubanza kwuzuza ibigega vy’umwimbu wo mu gihugu. Atari uko, ibifungurwa bishobora kubura canke bikaduzwa ibiciro. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi. Ni mu gihe ubushikiranganji bw’ubudandaji bumenyesheje kuri uyu wa mbere, ko ibigori n’ifu yavyo bitemewe kwinjira mu Burundi, mu kiringo c’amezi 6, kuko babisanzemwo ubumara bushobora kubangamira amagara y’abantu.
V. Imyidogo ni myinshi mu bakozi bakoreshejwe n’umugambi PRRPB, wafashwe mu mugongo n’ibanki y’isi yose, ukaba ujejwe gusubiza akanovera isi, mu kugwiza umwimbu no gukingira ibidukikije muri komine ya Buhinyuza. Imvo n’amahera bakaswe ku mishahara bari bagenewe, batazi iyo yagiye nk’uko amakuru atandukanye ava aho i Buhinyuza abimenyesha.
VI. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu baba mu gisagara ca Muyinga. Ni mu gihe baherutse gupimirwa uburinganire bw’amatongo yabo n’abakozi bo mu gisata ntunganyamatongo cegukira komine Muyinga. Bakidogera abo bakozi ko ibiharuro babahaye atari ivy’ukuri, kandi ko ari navyo bizofatirwako mu kuriha ikori ry’ubutaka, nk’uko bamwe mu batangakori babimenyesha. Bagasaba ko aho vyakozwe nabi vyosubirwamwo, kugira bene amatongo barihe ikori riciye mu muco.