Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/03/2022

Publié le 10 mars 2022 par Rédaction
I. Imisi cumi ni yo yongewe abakoresha amakinga, ama pikipiki na tuktuk mu gisagara ca Bujumbura, kugira ababitunze babe bavyandikishije. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca yabimenyesheje kuri uyu mugoroba mu nama yagiranye n’abarongoye ama komine y’igisagara ca Bujumbura. Akaba afashe iyo ngingo inyuma y’uko abagendesha ivyo vyuma n’abavyiyunguruzako basabiye ko uretse ko iyo ngingo ije kubasubiza inyuma, ariko kandi ko bataronkejwe akanya ko kwitegura.
II. Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane, igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko cazindutse gihagarika abantu bataramenyekana igitigiri, hagati mu gisagara ca Bujumbura. Ico gikorwa cabereye hafi y’ikibanza bita Bata n’ikibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura. Abahagarikwa bari abadafise ivyangombwa, abatembereza ibidandazwa, abantu baketswe ko ataco bariko barakora mu gisagara n’abatahafise akazi. Abo bose baciye burizwa ama camion y’igipolisi bajanwa gupfungirwa mu gasho ka BSR. Mu gipolisi bamenyeshako ari igikorwa ca minsi yose co gusuzuma abatagira ivyangombwa hamwe n’aba commissionnaire. Ariko ayandi makuru mu gipolisi yemeza ko, igipolisi cikanze imyiyerekano ishobora gutunganywa hagati mu gisagara n’abakoresha co kimwe na bene ama moto, amakinga na tuktuk baherutse kwankirwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati kuzoza barakorera hagati mu gisagara, ingingo yari itegekanijwe kuzoja mu ngiro ejo aho bukera ku munsi wa gatanu.
III. Mbega ishirahamwe FOMI rihingura umwavu rikongera rikawudandaza ryoba rifise ingorane izihe kugira ntirishire mu ngiro itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati? Ico kibazo ni co radiyo Inzamba yibaza kuva aho imisi icumi Gervais Ndirakobuca ahaye iryo shirahamwe kugira rihe ifumbire abarimyi ihereye.
IV. Nta nkeka ko ikibazo c’ihagarikwa ry’amasezerano ya leta n’ishirahamwe BMM bizoherera mu manza. Ivyo bisigurwa n’umuhinga yanonosoye amategeko agenga urudandazwa, droit des affaires mu gifaransa. Umushingwamanza Yves Runyagu abivuga inyuma y’aho umukuru w’igihugu afashe ingingo yo gufuta amasezerano ya leta be n’iryo shirahamwe ryahawe gucukura ubutare bwa Nickel y’i Musongati. Umushingwamanza Yves Runyagu avuga ko intandaro ari amakosa yakozwe n’ubutegetsi mu gutanga isoko habanje gutangwa igiturire, leta ntiheze ngo yige neza abayihawe abari bo.
V. Abanyeshure 13 nibo bakomerekeye mw’isanganya ryatewe n’imvura kw’ishure shingiro rya Kirema riri mu gisagara ca Kayanza, hari kuri uyu wa gatatu. Amabati yari asakaje ibirasi bitatu vyo kuri iryo shure yaraguruwe. No kw’ishure shingiro rya Gakenke, zone Ryarusera, komine n’intara ya Muramvya, amabati yarasakajwe ibirasi bibiri na yo yaraguruwe n’imvura yaguye ku mugoroba w’uwu wa gatatu.
VI. Ibikorwa ku mashure nshingiro yo mu ntara ya Makamba bimaze imisi bihungabana kubera abigisha bitegurira ikibazo gitegekanijwe kuri uyu wa gatanu, co gusuzuma ubumenyi abo bigisha bafise. Bavuga ko naho ubushikiranganji bakukira buguma bubizeza ko atawuzirukanwa, bafise amakenga bihweje amajambo yavuzwe n’umukuru w’igihugu, ari na co gituma bagitegura n’inguvu nyinshi.
VII. Abakristu  b’ishengero EUSEBU  muri misiyoni Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba, bariyamiriza akajagari kariko karakorerwa mu rusengero  na bamwe mu bajejwe intwaro muri komine Nyanza-Lac bafadikanije n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD. Abo bakristu  ntibumva  ukuntu inama ya bose mw’ishengero ifata ingingo, ikavuguruzwa n’abantu indwi  kubera gushigikirwa n’abo bita ibihangange mu ntwaro no mu mugambwe ku rwego rwa komine.

Ibindi bisa n'ibi