I. Hari umugabo wo ku mutumba Rukinga mu gisagara ca Rumonge ari mu minwe y’inyamiramabi kuva mu gitondo c’uwu wa mbere. Yahagaritswe inyuma yo gutemaguza agafuni nyina wiwe, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana. Amakuru ava mu gisagara ca Rumonge akemezwa n’amasoko mu gipolisi, avuga ko uwo muvyeyi yari aje gutabara mu gihe uwo mugabo yariko arakubita umukenyezi wiwe aheruka kwibaruka. Mbonihankuye Hussein akaba yatemaguje nyina wiwe agafuni mu mutwe. Ubu, akaba apfungiwe mu gasho k’igipolisi ka komisariya y’igipolisi c’intara ya Rumonge, mu gihe umuvyeyi wiwe ariko aravurwa.
II. Abanywanyi b’umugambwe CNL bo muri zone Rweza yo muri komine Ryansoro iri mu ntara ya Gitega, bapfungiwe mu gasho k’iyo komine kuva kw’igenekerezo rya gatandatu z’uku kwezi turimwo. Bakaba bagirizwa kuba barakubise umukuru w’umutumba Ngaruzwa, uri muri iyo zone ya Rweza, nawe akaba asanzwe ari mu mugambwe CNDD-FDD. Ivyo bagirizwa bavyamirira kure, ahubwo bo bakabona ko bapfungiwe imvo za politike.
III. Umwami Ntare V yagandaguwe n’ubutegetsi bwa Micombero babanje kumwagiriza ko yashatse kugarukana intwaro ya cami ku nguvu, akoresheje abacangero b’abanyamahanga. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa mbere na Pierre Claver Ndayicariye arongoye umugwi CVR, ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ntare V yabanje gushirwa ukwa wenyene i Gitega imbere y’uko agandagurwa, kw’itegeko rivuye mu biro vy’umukuru w’igihugu Michel Micombero, mw’ijoro ryo kuwa 29 Ndamukiza 1972.
IV. Abasirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Somaliya mu nteko za ATMIS, basaba gusubizwa amafranga bakaswe, babwiwe ko ari ayo gushumbusha imiryango y’abasirikare baguye mu gitero cabaye mu mwaka uheze mu kwezi kwa Rusama, ku kirindiro ca Cell Baraf. Ikindi abasirikare basaba n’ukwo abarongoye igisirikare bobaronsa amafranga ku giciro nyaco c’amafranga y’agaciro, kuko bavuga ko ayo bahabwa ari make cane, kugeza aho bavuga ko ari ubusuma bukorwa na bamwe mu ndongozi za gisirikare.
V. Umunyabigega wa komine Giharo hamwe n’uwurongoye abegeranya ama tagisi ya komine muri zone Giharo iri mu ntara ya Rutana, barahagaritswe n’igipolisi kuri uyu wa gatandatu. Keïtta Keza umunyabigega wa komine na Jean Bucumi, bahagaritswe n’igipolisi bakekwa kw’inyuruzwa ry’amafranga yoba arenga miliyoni mirongo ibiri z’amafranga y’amarundi. Ivyo bibaye inyuma yaho ku wa 27 Kigarama 2022, inama mpanuzwajambo ya komine Giharo yari kumusubiriza, biraheza bihagarikwa na buramatari wa Rutana Olivier Nibitanga, ata mvo zitanzwe.
VI. Haraheze indwi zirenga zibiri kurondera isukari mu gisagara ca Rumonge ni nko kurondera umuzi w’ibuye. Abanyagihugu barabaza haba mu masoko canke mu mabutike bakabura isukari, aho ibonetse naho bakayigura ku giciro c’umurengera. Bamwe mu badandaza bavuga ko bamaze imisi batakiyihabwa uko vyahora. Bose basaba abarongoye ihinguriro SOSUMO rihingura isukari gufata mu minwe ico kibazo.
VII. Mu makuru y’inkino, umugwi wa Flambeau du centre ni wo uri kw’isonga ku ndwi igira 24 y’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Na yo umurundikazi Sada Nahimana akina Tennis yaraye atahukanye ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa rya Tennis ryitabwe n’ibihugu 23 i Bujumbura. Turarabira hamwe n’ayavugwa muri Basketball, aho ihiganwa ryatanguye ku munsi wa gatandatu. Muri Volleyball naho habaye inkino zitangurira ihiganwa mw’ishirahamwe ry’i Bujumbura.