I. Hari ikiziga c’umuntu kireremba mu mazi y’uruzi Maragarazi kuva kuri uyu wa mbere. Nk’ukwo bivugwa n’ababibonye, ico kiziga cabonywe mu gitondo co kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Rusama 2022 umutumba Mbizi muri komine Kibago. Salomon Niyomwungere arongoye umutumba Mbizi aremeza ayo makuru, akavuga ko ari umuntu ataramenyekana yagandaguriwe mu gihugu ca Tanzaniya, imbere yo kuza kumuta mu ruzi Maragarazi.
II. Sentare nkuru y’intara ya Ngozi yaciriye kuri uno wa kabiri umunyororo wo gupfungwa imyaka 15 abagabo indwi bari mu mugambwe CNL, kuriha umwe umwe wese ihadabu ry’amafranga 100.000, n’indishi y’akababaro y’amafranga angana n’imiriyoni cumi na zitandatu, bose hamwe. Mu gihe boheza uyo munyororo batarariha iyo hadabu n’indishi y’akababaro, sentare izoca ibahanisha uwundi munyororo w’agatsindikiro w’imyaka itanu. Abo bagabo bagiriwe n’ico caha bose harimwo n’umukuru w’umutumba Ruyumpu. Sentare ikaba yabagirije kuba bageregeje kwica abagabo 4 b’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mu kubakubita bakongera bakabakomeretsa, bongera bariba n’amafranga 56.000. Ivyo na vyo bikaba vyabaye mw’ijoro ryo ku musi w’Imana igenekerezo rya 24 buca ari ku musi wa mbere igenekerezo rya 25 Ndamukiza. Vyabereye ku mutumba Ruyumpu. Tubamenyeshe ko mu gihe bafatwa bagapfungwa, hari abandi icenda baciye bata izabo barahunga kuko n’abo bikekwa kugira uruhara muri ico caha. Abarongoye umugambwe CNL muri iyo ntara bakaba batera ivyatsi urwo rubanza bakabona ko urwo rubanza rwari rufise imvo za politike.
III. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL azwi kw’izina rya Richard Ndikumagenge apfungiwe mu gasho k’igipolisi mu Kirundo, yagirizwa ko yateye grenade mu bunywero buri muri hoteri Alpha yo ngaho mu ntara ya Kirundo haraciye indwi zitatu. Iyo grenade ikaba yakomerekeje abantu bane harimwo abapolisi batatu. Umwe mu banyagihugu babibonye akavuga ko uyo apfunzwe ariko azira ubusa kuko iyo grenade yatewe n’umusirikare.
IV. Amajambo aherutse gushikirizwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo kuri uwu w’Imana uheze mu ntara ya Bujumbura, ariyamirizwa n’ubuserukizi bw’umugambwe CNL mu bihugu vya Buraya. Révérien Ndikuririyo yagirije abanywanyi b’uwo mugambwe CNL kuba baricanye mu gihe bari bakiri mw’ishamba. Aimé Magera aserukira umugambwe CNL mu bihugu vya buraya avuga ko ayo majambo ateye isoni kandi ko ari ikinyoma cambaye ubusa. Asaba Révérien Ndikuriyo kwirinda amajambo abiba urwanko mu barundi.
V. Umugwi w’abasirikare ukurikirana akarere k’ibiyaga binini waragendeye kuri uyu wa mbere, ikambi y’impunzi ya Mahama iri mu gihugu c’Urwanda. Amakuru ava mw’ikambi ya Mahama avuga ko babonanye n’abaserukira ishirahamwe HCR, ubushikiranganji bujejwe impunzi n’ibiza MINEMA, hamwe n’abaserukira impunzi zose ziri muri iyo kambi. Ku ruhande rw’impunzi z’abarundi, bimwe mu vyo babajijwe harimwo igituma bamwe mu mpunzi batariko baratahuka mu gihugu.
VI. Basaba abarongoye igihugu guhagarika kubicisha ubukene mu kubasaba intererano z’urutavanako. Abo n’abanyagihugu bavuganye na Radiyo Inzamba ku bijanye n’intererano leta iriko irasaba abanyagihugu ngo hubakwe ingoro y’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega. Basaba kandi leta kwitaho nyabuna gukora ivyotuma ubuzima bw’abo barongoye bwisununura.
VII. N’umugambwe RDB uriyamiriza izo ntererano zisabwa abanyagihugu mu bikorwa bigenewe leta. Jérémie Minani awurongoye, abonako ata kindi bigamije atari ugusahura abanyagihugu bari basanzwe bugarijwe n’ubukene butagira izina.
VIII. Uburundi burakeneye impinduka mu gisata c’uburimyi, si abakozi ba leta bose bazoza kugwiza umwimbu. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo. N’inyuma yaho umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema ashikirije kuri uyu wa mbere, ko igihambaye ari ukwo umwimbu wagenze neza uno mwaka. Uyo mushikiranganji yasiguye ko abakozi ba leta bidoga ko ibifungurwa vyaduze ataco baterera kugira haboneke umwimbu.