Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/07/2020

Publié le 10 juillet 2020 par Rédaction

I. Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza ku mabi akorwa mu Burundi, usaba umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye gusambura umurwi w’inkorabara z’imbonerakure, kugira hasubire kuba icuka ciza mu gisata c’agateka ka zina muntu. Doudou Diène arongoye uwo murwi avuga ko abari mu mbonerakure bakora amabi atandukanye, kandi bagakingirwa ikibaba n’abari mu nzego za leta.

II. Icegera c’uwurongoye ishirahamwe AC Génocide CIRIMOSO yarahagaritswe kuri uyu wa kane, amakuru radio Inzamba ifise akavuga ko yahagaritswe kw’itegeko ry’uwurongoye ishirahamwe ry’abanyeshure barokotse ubwicanyi bwo muri kaminuza mu 1995, uwo nawe akaba ari umusirikare w’ipete rya Général de Brigade arongoye ishirahamwe SOBUGEA, ari naryo Thérence MUSHANO akoreramwo.

III. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bamaze imisi 263 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze i Bubanza. Bakaba bahagaritswe bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

IV. Urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike rusaba umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, gufata mu mugongo ababuze bose baba bariko baribuka ababo bishwe, nkuko waraye ushigikiye abibuka abanyeshure b’abahutu biciwe muri kaminuza y’Uburundi mu 1995. Kubwa Vital Nshimirimana arongoye urwo runani FORSC, ngo umugwi CVR ubikoze uko, niho uzoba ufashije kugira abarundi bashobore kunywana.

V. Ku mupaka wa Kobero ugabura Uburundi na Tanzania haravurwa  abinjira mu Burundi batarinze gusuzumwa ko boba baranduye ikiza corona virus. Bivurwa ko uwufise ico atanga aca yibandaniriza adasuzumwe, urwego rw’igipolisi rukagirizwa gupfumbatishwa.

VI. Leta y’Uburundi iriyamiriza ikanabeshuza inkuru zivuga k’Uburundi bugiye gukurwa mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko EAC. Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bujejwe ako karere rimenyesha kw’igihugu c’Uburundi citeguye kuriha ibirarane giheranye, vyoba bingana n’umwaka. Umushikiranganji Ezéchiel NIBIGIRA arongoye ubwo bushikiranganji, aremeza kandi k’Uburundi bufitaniye imigenderanire myiza n’ibindi bihugu bihurikiye muri ako karere.

VII. Kuri rino genekerezo rya 10 Mukakaro iradiyo Inzamba Agateka kawe yarumije imyaka itanu ishinzwe. Abarongoye iyo Radiyo barashima intambwe igezeko ugereranije naho yavuye. Radiyo Inzamba yiyemeje guha abarundi bose umuhora, harimwo n’abategetsi ; kugira bashikirize ivyiyumviro vyabo.

VIII. Mu gihe  rero Radio Inzamba kuri uno wa gatanu ihimbaza imyaka itanu ivutse, abanyagihugu baturuka mu micungararo itandukanye barashimishwa n’igikorwa co gushikiriza amakuru n’ibiganiro  bisesanguye iyo Radio ishikiriza. Basaba ahubwo ko hokwongerezwa ibindi biganiro kugira ngo abarundi barushirizeho kumenya ibiba mu gihugu. Bamwe  mu baganiriye na Radio Inzamba.

Ibindi bisa n'ibi