Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/08/2020

Publié le 10 août 2020 par Rédaction

I. Kuri uyu wa mbere, amashure yose yo mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu muri District ya Kasulu, mu ntara ya Kigoma, mu gihugu ca Tanzaniya   ntibize. Imvo yatumye batiga, ni uko abigisha bo muri iyo kambi ya Nyarugusu bari bazindutse bahagarika imirimo, basaba kuronswa agashirukabute kabo katanzwe n’ishirihamwe IRC, rifasha mu gisata c’indero.  Agashirukabute bahavuye baronswa inyuma y’umutaga kuri uyu wa mbere, ari uko bamwe mu bategetsi batandukanye mu gisata c’indero muri ico gihugu bamaze kumenya y’uko amashure atariko arakora muri iyo kambi ya Nyarugusu, biturutse kukutaronsa abigisha ako gashirukabute. Abigisha bo mu makambi ya Nduta na Mtendeli bakaba bari bamaze indwi zibiri zirenga, bataronkejwe ako gashirukabute kangana n’amafranga 69.500 mu mashilingi ya Tanzaniya kuri umwe umwe wese.

II. Hemejwe kuri uyu wa mbere umugambi urimwo inyishu nyamukuru ku biza bishobora gushika mu gihugu c’Uburundi. Mu nama yahuje i Bujumbura abahinga bo mu gisata co gukinga ibiza no gutabara, n’ubushikiranganji bw’umutekano, basanze indwara z’ivyaduka nka corona, cholera na malaria, hamwe n’amasanganya yo mw’ibarabara n’isenyuka ry’imisozi  biri mu bibangamiye  igihugu. OPC1 Anicet NIBARUTA, n’icegera c’uwurongoye ubuyobozi bukuru bw’igisata co gikinga ibiza.

III. Uwo mugambi ukaba utegurwa ku kiringo c’umwaka umwe gusa, OPC1 Anicet NIYONKURU arasigura igituma bafatira ku kiringo c’umwaka umwe.

IV. Abigisha b’abakutsakivi bo muri komine Mutaho, intara ya Gitega, baridoga ko baheraniwe ukwezi kumwe kw’agashirukabute bategerezwa kuronswa ku kwezi ku kwezi. Bagiriza umuyobozi w’indero muri iyo komine ko amafaranga yari agenewe kuriha ako gashirukabute yayanyuruje, akayakoresha ivyo atagenewe.

V. Umunyororo w’imyaka 30 ni co gihano sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza, yaciriye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana abantu batatu harimwo n’umwigeme. Bakaba bagirijwe kuba barateye amabuye atatu ku modoka imwe mu zigendanira umukuru w’igihugu General Major Evariste Ndayishimiye, hari ku mugoroba wo ku musi wa gatatu w’indwi iheze.

VI. Abarundi barakwiye kwikangura bakava mundyane zifatiye ku migambwe, zikababuza kwibuka ubucuti bafitaniye n’ico bamariraniye mu mibereho ya misi yose. Izo n’impanuro za musenyeri Salvator Niciteretse, arongoye diyoseze ya Bururi, mu nyigisho ziwe zo kuri uyu w’Imana, aho yari yagendeye paruwasi nshasha ya Cangwe, muri komine n’intara ya Bururi. Agahamagarira abakirisu kuba akarorero keza mu kwubaka igihugu c’umwumvikano.

VII. Hari umusore w’imyaka 28 azwi kw’izina rya Misago, yagandaguwe acumiswe imbugita mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira umunsi w’Imana w’ejo. Ubwo bwicanyi atawuramenya icabuteye bwabereye ku mutumba wa Buvumbi, zone Nyagatovu, ni muri komine Gashoho, intara ya Muyinga.

VIII. Abantu batatu bapfuye, mirongo ibiri barakomereka biturutse kw’isanganya ry’imodokari ryabaye mu gatondo ko kuri uno wa mbere muri komine Kayokwe, mu ntara ya Mwaro. Umuvuduko munini ngo niwo watumye haba iryo sangana.

IX. Kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, mw’ibohero rya Rumonge humvirijwe abantu 13 bagizwe n’imbonerakure, abapolisi hamwe n’abajejwe intwaro muri zone Bigina, komine  Kayogoro, intara ya Makamba, bakaba bagirizwa kwica abantu bava mu gihugu ca Tanzaniya. Umushikirizamanza wa Repuburika akaba yatanguye kubumviriza nk’igihe c’isaha indwi, mw’ibohero rya Rumonge aho bita ku Murembwe. Aho bakaba bahamaze indwi irenga ariho bapfungiwe. Amakuru ava aho mu Rumonge akaba avuga ko kuri abo 13, bane gusa aribo bumvirijwe.

Ibindi bisa n'ibi