I. Uwurongoye urwaruka rw’imbonerakure muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke, Isidore Niyongabo batazira Maisha, yaraye arashwe muhira iwe ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu ku musozi Gasebeyi. Akaba yacikanye inyuma yo kuraswa amasasu mu mutwe. Amakuru dukura kuri uyo mutumba avuga ko yoba yarashwe n’abagwanyi bo mu muhari FDLR, bari mw’ishamba cimeza ca Kibira. Inyuma y’ico gitero catumbereye urugo rw’uyo arongoye Imbonerakure, abo bagwanyi ngo baciye basubira mw’ishamba rya Kibira. Ayo makuru nyene aremezwa na musitanteri wa komine Mabayi aho avuga ko n’amatohoza aza yatanguye. Urwo rupfu rw’uyo atwara Imbonerakure rukaba rubaye inyuma y’aho hiciwe mu ndwi iheze muri iyo komine ya Mabayi, abagwanyi batandatu bo mu muhari FDLR urwanya leta y’Urwanda.
II. Abigeme bajanywe kurondera akazi mu gihugu ca Arabie Saoudite bavuga ko babayeho nabi cane, biturutse ku kuba bataronswa imfungurwa zikwiye. Bavuga kandi ko bugaraniwe mu nzu n’akazi bari bazi ko bagiye gukora batarakaronswa, kuva bashitse muri ico gihugu. Basaba ko botuma basubizwa mu Burundi.
III. Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye akwiye gushigikirwa mu karenganyo arimwo, kumwe n’umuryango wiwe. Ivyo biri mw’isekeza ririko rirakorwa n’umugwi wa bamwe mu barundi, bipfuza kwegeranya imfashanyo yo gufasha umuryango wiwe ufise ikibazo co kumugemurira iyo afungiwe kure y’abiwe. Reynold Butari, n’umwe mu batanguje ico gikorwa, asaba umutambukanyi w’umukuru w’igihugu kuvugira Floriane nk’umuvyeyi afunzwe, yagirizwa ivyaha bidafashe. Butari avuga ko uyo mukenyezi w’umukuru w’igihugu na we nyene abizi ko Floriane atigeze agira ico ciyumviro co gutera igihugu, nk’uko sentare yabimwagirije.
IV. Leta y’Uburundi ngo nta gushaka kuboneka ifise mu kugwanya igiturire. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta. Iryo shirahamwe rikababazwa n’uko leta iriko irazimanganya buhoro buhoro inzego zidasanzwe zo kugwanya igiturire mu Burundi, uhereye ku gipolisi cari kijejwe kugwanya ico giturire. Mu kiganiro yaremesheje kuri uyu wa kane, uwurongoye ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri, yamenyesheje ko ivy’ukugwanya igiturire mu Burundi biguma bisubira inyuma nk’ikirenge, kandi ko bibabaje cane.
V. Gabriel Rufyiri asaba ashimitse abarongoye igihugu kuva mu majambo bakaja mu bikorwa, mu rugamba rwo kugwanya igiturire, akabatera akamo cane cane gushiraho umugambi w’igihugu ujanye n’intwaro ibereye no kugwanya igiturire. Avuga ko ata terambere rishoboka igiturire kitaranduranywe n’imizi.
VI. Ivyuma vyo kubaka bidakwije ivyangombwa na cane cane fer à béton vyahagaritswe kwinjizwa mu Burundi. Vyashikirijwe kuri uyu musi wa kane n’umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gusuzuma ubuziranenge, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Severin Sindayikengera arongoye ico kigo avuga ko fer à beton ikoreshwa mu Burundi ikwije ivyangombwa iba ifise milimetero zitandatu canke zirenga.