I. Kuri uno wa kane, niho umugwi ugira kabiri w’abarundi bangana na 507 bahungiye mu gihugu c’Urwanda mw’ikambi y’i Mahama, batahukanwa. Iryo tahukanwa rikaba ryahuriranye n’irindi ry’abarundi barenga 100 batahukanywe. Abo nabo bakaba bari bagize ikibazo co gusubira mu Burundi, inyuma y’aho Urwanda rwugariye imbibe, mu ntumbero yo kwirinda irwirirana ry’ikiza ca coronavirus. Abandi mubari mu gihugu c’urwanda bagera kuri 72 bipfuje gutaha ariko basanga nta vyangombwa bafise, bakaba basabwe kubanza kurondera ivyangombwa, nk’uko bisanzwe bigenda no kubandi.
II. Ni agakuru keza ku mpunzi z’abarundi z’i Mulongwe mu gihugu ca repuburika iharanira demokarasi ya Congo, baraye baronse amazi ya rusengo. Ayo akaba yiyongera kuri make bari basanganywe, nkuko vyemezwa n’uwuserukira impunzi z’abarundi ziri muri iyo kambi. Avuga ko ibibazo vy’isuku be n’ukwikingira umugera wa COVID19, bigiye kuborohera gusumvya uko vyahora.
III. Hari umwana w’umuhungu w’amezi hafi abiri wo ku musozi Kinga na komine Kayanza, yishwe na nyina wiwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu uheze. Nyene gukora iryo bara, yaciye afatwa ajanwa gupfungirwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu Kayanza.
IV. Ishirahamwe rya bulaya ngo rirafise ishaka ryo kuvugana na Leta y’Uburundi, kugira ibihano bwari bwarafatiwe n’iryo shirahamwe bikurweho. Ivyo n’ivyashikirijwe n’umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere, Hassan Ngendakumana, igihe Alain Guillaume Bunyoni yari ahejeje guha umubonano uwuserukira ishirahamwe rya bulaya mu Burundi, Claude Bochu. Kubw’uwo muvugizi, ngo umushikiranganji wa mbere yasavye ko imigenderanire mishasha yoshimikira ku kubahiriza ukwishira no kwizana kw’Uburundi. Claude Bochu aserukira ishirahamwe rya bulaya mu Burundi, akaba yibukije ko naho iryo shirahamwe ryari ryafatiye ibihano Uburundi, muri iki kiringo rimaze kurangura ibitari bike mu Burundi, nko mu bijanye no gukora amabarabara bayashiramwo ama kaburimbo, ahangana n’ibirometero 430.
V. Mu gihe haheze imisi 4 umwaka w’ishure wa 2020 ushira uwa 2O21 utanguye, biribonekeza ko mu mashure atandukanye yo mu ntara ya Kayanza, ata gikorwa kugira ngo harwanywe ikiza ca coronavirus. Mu gihe amategeko asaba ko umuntu abanza gukaraba imbere yo kuja ahari amakoraniro y’abantu benshi, usanga amashure ata bukarabiro buhari.
VI. Icuka si ciza hagati y’abakozi bakorera mu bitaro bikuru vy’i Muyinga n’umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi mur’ivyo bitaro. Abo bakozi bakagiriza uyo muyobozi kudahirahira ngo asohore amafaranga angana n’imiliyoni 13 yageneye uwujejwe gukurikirana ibikogwa vy’inyubakwa y’igorofa izokwakira abagwaye bashizwe mu bitaro.
VII. Abanyororo bari mu mabohero atandukanye, cane cane abagirizwa ivyaha bifitaniye isano na politike, barasinzikarizwa ubuzima bakabuzwa kuronka n’ivyo amategeko abarekuririra. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukiristu ryishinze kurwanya isinzikarizwa buzima rya kiremwa muntu mu Burundi ACAT-Burundi, c’ukwezi kw’umunani guheze. Kubw’ico cegeranyo, bamwe mu banyororo bajejwe umutekano mu mabohero, nibo batungwa urutoke n’ico cegeranyo ko bahohotera abandi banyororo. Me Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT Burundi.