Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/09/2021

Publié le 10 septembre 2021 par Rédaction
I. Ikiziga c’umuntu w’umugabo yitwa Pascal Ndabacekure w’imyaka 29 yaba ku mutumba Gisebeyi, komine Gashoho intara ya Muyinga, caratowe mu gatondo ka kare kuri uyu  wa kane. Kikaba cenena ku mugozi umanitse ku giti c’isakariro ry’ibiro vy’umukuru w’umutumba Gisebeyi, nk’uko amakuru ava kuri uwo mutumba avyemeza. Amakuru ava mu bajejwe intwaro aho kuri uwo mutumba yemeza ko Ndabacekure yiyahuye ngo kuko yarasanzwe agendana indwara idakira ariko batamenyesheje. Igitigiri c’abantu bapfa bikavugwa ko biyahuye gitera ciyongera muri iyo ntara ya Muyinga. Pascal Ndabacekure akaba agize uwa gatandatu atowe ikiziga cenena ku mugozi mu kiringo  c’ukwezi.
II. Abantu babiri barabuzwe irengero mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane mu kiyaga Rweru, ku mutumba wa Nyagisozi, muri komine Busoni n’intara ya Kirundo. N’inyuma yaho imvubu ihenuriye ubwato bwarimwo abantu bane, hakaba n’uyundi umwe yakomerekejwe n’iyo mvubu nyene ku kuguru, hanyuma uyundi umwe ararokoka inyuma yo kwoga arajabuka. Nk’uko bimenyeshwa na Manirambona Albert, umunyamabanga ntayegayezwa wa komine Busoni, ngo ivyo bibaye mu gihe kuri uwo musi nyene, hari hatowe mu kiyaga Rweru imvubu yapfuye, ngo yoba yishwe n’iyindi mvubu.
III. Uwurongoye ishirahamwe REGIDESO ritanga amazi n’umuyagankuba mu ntara ya Makamba yarahagaritswe kuri uyu wa kane n’igipolisi kirwanya ibiturire, inyuma yaho afatanywe itonga amafaranga y’igiturire yasavye umunyagihugu kugira amushikanire umuyagankuba mu muhana iwe.
IV. Umuryango w’umwigeme Thierryve Bitangimana yahohotewe n’uwitwa Agricole Ndayitwayeko asanzwe  ari umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Bururi usaba sentare isubiramwo imanza ya Makamba guha igihano gikwiye uwatumye umwana wabo asinzikara gushika aho aheba ishure. Jean Marie Ntahondi, se w’ umwana, amenyeshako umwana wiwe kugeza ubu amujana kwa muganga i Bujumbura uko amezi atanu aheze, kandi bikamutwara uburyo bwinshi.
V. Hari imyidogo mu baserukira amakoperative amwe amwe. Banegura ko hari aka mwana wa mama mu gutanga ingurane. Ikigega FONIC kijejwe guteza imbere amakomine bacagiriza guha ingurane amakoperative Sangwe gusa. Bagasaba ko hoba ukudahengama mu kwiga amadosiye ajanye no gutanga ingurane kuma koperative.
VI. Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu buragabisha abunguruza abantu ko batohirahira ngo baduze ibiciro vyo kwiyunguruza muri kino gihe abanyeshure bagiye gutangura umwaka mushasha w’ishure. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Jérémie Banigwaninzigo, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, amenyeshako n’ibihano vyategekanijwe kuri uwo wese azobirengako.
VII. Haracibonekeza mu ntara ya Muyinga inyubakwa zitakurikije amategeko ku mabarabara ya RN6 na RN16, nkuko amakuru radio Inzamba yaronse avyemeza. Ni mu gihe haciye imisi cumi ikiringo catanzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, Gervais Ndirakobuca, co kubomora inyubakwa zose zubatswe ku mabarabara makuru hadakurikijwe amategeko zoba zasambuwe na benezo. Abanyagihugu bashize mu ngiro iyo ngingo bagasaba buramatari w’intara ya Muyinga gushira igitsure ku baciteza utunyoni ngo bubahirize iyo ngingo.

Ibindi bisa n'ibi