Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/09/2022

Publié le 10 septembre 2022 par Rédaction
I. Umuntu umwe yitavye Imana, abandi batari bake barakomereka cane, biturutse kw’isanganya y’imidoka ya OTRACO. Abo bantu bari bavuye i Bujumbura baja I Burambi. Iryo sanganya ryabereye ku musozi wa Dongeruzi muri komine Mugamba, mu ntara ya Bururi. Nk’ukwo bivugwa n’abari hafi yaho, ngo iyo imodoka yatembagaye. Hari uno musi imbere gato y’isaha icenda. Abo bakomeretse baciye bajanwa ku bitaro vy’i Matana, no kw’ivuriro ry’i Mugamba.
II. Hari ikiziga c’umugabo catowe kuri uno wa gatandatu ku muhana w’umugore aba muri karitiye Shikiro iri mu gisagara ca Ngozi. Joseph Martin Bucumi, musitanteri wa komine Ngozi avuga ko ata kimenyetso na kimwe kiri ku mubiri w’uwo yaraye apfuye, cerekana  icoba camwishe.  Abaganga ngo bakaba bariko bagira ibipimo kuri ico kiziga kugira hamenyekane ukugene uwo muntu yapfuye. Uwo mugabo ngo akaba aturuka mu ntara ya Kirundo. Ngo akaba yari amaze imisi ibiri kw’uwo mugore, inyuma y’aho yaheruka kurekurwa mu kwezi kw’indwi mw’ibohero rikuru rya Ngozi, aho yari apfungiwe. Uwo mugore akaba rero yaciye ajanwa gupfungirwa mu gasho k’inyamiramabi aho mu gusagara ca Ngozi, ku mvo z’amatohoza.
III. Ubukene bw’igitoro caba ico mu bwoko bwa essence canke mazout bwasubiriye kwibonekeza, haheze imisi 3 ata n’ima ry’igitoro ryibonekeza ku bituro 4 biri ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga be no kukindi gituro kiri i Kobero, nk’ukwo bamwe mu bakoresha igitoro bavyiganiye radiyo Inzamba.
IV. Abana bagera kuri 45 bari mu minwe y’igipolisi muri commissariat y’intara ya Muyinga,  guhera kuri uyu wa kane. Amakuru dukura muri iyo ntara akemeza ko abo bafashwe ari abana bo mw’ibarabara bahagaritswe  n’igipolisi. Bari bamaze hafi indwi zibiri bakuwe mw’ibarabara kugira babegereze imiryango yabo.
V. Ingingo zifatirwa impunzi z’abarundi ziba muri Tanzaniya ziguma zikomera ku musi ku musi. Mw’ikambi y’i Nduta, impunzi nta burenganzira zigifise bwo kuja kurimira hanze. Abategetsi baheruka kubuza abatanzaniya baba hafi y’iyo kambi gusubira gukodesha imirima yabo kuri izo mpunzi. Impunzi zikabona ko ata kindi iyo ngingo igamije, atari ukuzisubiza mu Burundi ku nguvu, babanje kubicisha inzara.
VI. Mu mpunzi z’abarundi, inzara na kigoyi bizura inzara mw’ikambi y’impunzi y’i Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi. Impunzi zivuga ko zimaze amezi atatu zitaronswa agafashanyo k’ibifungurwa bahabwa n’igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR. Icibonekeza, ngo n’ukwo abana batanguye kubenja imishatsi, ikimenyetso ntamusiga cerekana ko abana bagiye kugwara indwara zifatira ku gufungura nabi harimwo Kwashi. Izo mpunzi, zirataka zigatakamba ko hamwe atacokorwa vuba, ibara rishobora kugwa.
VII. Urunani rw’abanyamulenge i Bukavu muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ruvuga y’uko gushika ubu abasirikare b’abarundi hamwe n’abo muri Congo, batarashobora guhagarika ubwicanyi n’ubusuma bukorwa n’aba mayi mayi. Mw’itangazo urwo runani rwasohoye kuri uyu musi wa gatandatu bavuga y’ukwo aba mayi mayi bakoze igitero ku wa gatatu ahitwa Minembwe bica umuntu umwe n’abandi 2 bakomeretse, hamwe n’inka nyinshi zatwawe. Urwo runani rutangazwa n’ubwo bwicanyi bwabaye ndanse mu gihe hagiyeho igisirikare c’akarere kigwanya imigwi yitwaje ibigwanisho muri Congo. Urwo runani rukibaza ko abasirikare b’Uburundi boba baje gufasha uyo mugwi w’aba mayi mayi, nimba Atari uko biri naho ntibatahura ukuntu ubwicanyi bw’abanyamulenge budasiba kuba kandi hariho igisirikare ca Congo n’abasirikare b’abarundi bashizweho kugira amahoro n’umutekano bigaruke muri ico gihugu.
VIII. Ikiganiro Kw’īsôko kuri uyu wa gatandatu kibayagira ivy’ishirwaho ry’urwego rw’abahuza bo ku mitumba.

Ibindi bisa n'ibi