I. Imyimenyerezo ya gisirikare ikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure ku mutumba Samvura, muri komine Mabanda, irateye ubwoba abanyagihugu b’intara ya Makamba. Iyo myimenyerezo yatanguye kw’igenekerezo rya 5 kuno kwezi turimwo.
II. Mu kiringo c’indwi imwe gusa, hari ibiziga vy’abantu 3 vyatowe ku nkengera y’ikiyaga Tanganika, ababitoye akaba ari abasirikare barwanira mu mazi. Ivyo biziga bikaba vyaciye bihambwa gihutihuti, nk’uko biri mu matohoza y’isekeza Ndondeza. Pacifique NININAHAZWE, ari mu batanguje iryo sekeza.
III. Pacifique NININAHAZWE atera akamo abategetsi, kuvavanura n’iyo ngeso yo guhambisha ibiziga bitorwa ata matohoza, ngo ahandi ho bizoboneka ko Reta y’Uburundi ibifisemwo uruhara.
IV. Uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino uyu musi ugize uwa gatatu ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru dukura mw’ibohero, yemeza ko uyo mushingamateka kuri uyu wa gatandatu, yashizwe ahantu mw’ikosorero, ku zuba ryinshi kandi Atari afise uburenganzira bwo kwicara. Uwahoze ari umushingamateka Leonardo Nyangoma asigura ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwamanye ingeso yo kurementanya, kugira uwo badashaka bamuburabuze. Ku bwiwe iyo n’intumbero ya reta ya Evariste Ndayishimiye, yo gutsimbataza intwaro y’igikenye, ariko iyo nayo ntimara igihe kinini.
V. Uburundi nk’igihugu cambere gikenye kw’isi bwategerezwa kwigenza neza, bwoye kwama butuka ibihugu bibufasha, bukubahiriza ivyo busabwa. Ivyo bivugwa na David Gakunzi, umushakashatsi akaba n’umwanditsi. N’inyuma y’aho umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Albert Shingiro, ashikirije kuri uno wa gatanu imbere y’abaserukira ibihugu vyabo, ko Uburundi bugiye gufatira nabwo ibihano ubumwe bwa Bulaya butisubiyeko ngo buhagarike ibihano bwafatiye Uburundi mu mwaka wa 2015. Kubwa David Gakunzi, ivyo vyerekana ko Uburundi butazi ingene isi itunganijwe.
VI. Uno musi tugaruka ku cuka uno munsi kirangwa mu bice bitandukanye vy’igihugu, vyaranzwemwo intambara hagati y’abarwanyi b’umuhari Red Tabara n’igisirikare c’igihugu.