Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/10/2022

Publié le 10 octobre 2022 par Rédaction
I. Abasirikare barenga 60, benshi muri bo ari ibisongerezi mu ntwaramiheto, bapfungiwe muri bataillon police militaire i Bujumbura, bakurikiranwa ku busuma bw’amafranga bwabereye mu biro bikuru vya gisirikare, mu gisata kijejwe gutunganya imishahara y’abasirikare bita bureau de traitement; BT mu mpfunyapfunyo. Bafashwe kw’itegeko ry’ubucamanza bwa gisirikare bita auditorat militaire. Amafranga yibwe bavuga ko yoba aharurwa mu ma miliyaridi mu mafranga y’amarundi.
II. Uno musi ugize uwa 32 umumenyeshamakuru w’iradiyo Igicaniro Floriane Irangabiye afunzwe. Umuryango wiwe ukaba ubabazwa n’ingene afashwe nabi mw’ibohero rya Muyinga aherutse kwimurirwamwo. Uwo muryango uguma uvugako uwabo afungiwe ubusa, ko akwiye kurekurwa atakirinze gusabwa.
III. Naho abategetsi b’Uburundi babandanya badahengeshanya kubwira abarundi n’amakungu ko ikibazo c’ubutungane bw’igihugu bagifise mu minwe, umugambwe CNL uvuga ko urajwe ishinga n’ingene bukora. Biri mw’itangazo uwo mugambwe washize ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 gitugutu. Agathon Rwasa arongoye uwo mugambwe amenyesha ko naho abategetsi bemeza ko ubutungane bugoyagoya, ata ngingo n’imwe burafata kugira ngo haboneke impinduka.
IV. Ahandi havugwa imyidogo ni ku mutumba Kiyange uri muri komine Kibago, mu ntara ya Makamba. Ni mu gihe umukuru wo kuri uwo mutumba yaraye akubaguwe na bamwe bo mu rwaruka rw’imbonerakure bo kuri uwo mutumba. Nk’uko ababibonye bayaze na radiyo Inzamba babivuga, uwo mukuru w’umutumba akaba  yari mu kazi kiwe ka misi yose, aho yakubiswe n’izo mbonerakure bamusiga ari intere, ubu akaba ariko avurirwa mu bitaro biri muri iyo ntara.
V. Uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi wahariwe indwara zo mu mutwe, ni kw’igenekerezo rya 10 gitugutu. Kuri uyu musi, radiyo Inzamba agateka kawe yashimye kugaruka kw’ifungwa rya Christian Butoyi umunyagihugu afise ubumuga bwo mu mutwe, afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva mu mwaka wa 2014, yagirizwa ko ari we yagandaguye ababikira batatu b’abataliyanokazi kuri paroisse Guido Maria Comforti, muri komine Kamenge mu gisagara ca Bujumbura.
VI. Bahagiritse imirimo yabo kuva kuri uno wa mbere. Abo n’abakora ivyo kwandika no gufotora mu ntara ya Rumonge. Biyamiriza ingingo yafashwe na buramatari w’iyo ntara Consolateur Nitunga, yo kubashingira ibiciro bakorerako. Bobo bakavuga ko babikora kuko ibikoresho vya nkenerwa vyaduze cane.
VII. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaboko Basketball, ihiganwa ry’igikombe citiriwe intwari rirabandanya rikaba rigeze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Imigwi Urunani, Dynamo, Remesha na Brothers Team ikaba ishitse muri ico gice. Mu mupira w’amaguru, mw’ihiganwa ku rwego rw’igihugu Primus League bageze mu ndwi igira cenda. Umugwi wa Aigle Noir ukaba ariwo uri mu kibanza ca mbere  gushika ubu n’amanota 20.

Ibindi bisa n'ibi