Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/11/2023

Publié le 10 novembre 2023 par Rédaction
  1. Itangazo ryashizwe ahabona kuruno wakane nigisirikare cuburundi aho rivuga ko umuhari M23 umaze kubabuza incuro zibiri gutwara infungurwa muduce tumwe tumwe ariko ntibavuge abasirikare baguye muntambara nabafashwe  mugabo bakavuga ko bagiye gufata ingingo vyerekana ko igisirikare cuburundi kitacinyegeje ahubwo carondeye amayeri yo kwinjira muntambara kumugaragaro. ivyo nibishikirizwa na Willy  Ngoma avugira umuhari M23  aho avuga ko igisirikare cabo kitifuza intambara mugabo ko badashobora kwemera ko abanyagihugu babandanya bicwa bongera basahurwa n’igisirikare c’uburundi.
  2. Umuvugizi wuwo muhari avuga kandi ko leta y’uburundi ariyo ikwiye ubwambere kurondera abasirikare  bayo bagizwe imbohe kugira barekurwe. Willy Ngoma avuga ariko ko abasirikare bafashwe atakibakomanga ndetse baronswa ivyo bakeneye vyose.
  3. Umuhari Map Burundi Buhire uranegura ingene hari abasirikare b’abarundi bariko barapfira mu gihugu ca Congo, iyo barungitswe mw’ibanga gufasha igisirikare ca Congo kurwanya umuhari M23. Kubwa Libérât Ntibashirakandi avugira umuhari Map Burundi, ingingo yafashwe na leta yo kubarungika iranyuranye n’ugushaka kw’abakuru b’ibihugu bo muri Afrika y’ubuseruko kandi ngwizogira ingaruka mbi nyinshi ku Burundi. Asaba umukuru w’igihugu kuva mu gacerere agahoza imiryango yababuze akongera agatahukana abasirikare bose bari muri Congo batari mubutumwa bwa Afrika y’ubuseruko.
  4. Ishirahamwe AC Genocide naryo igisata ca Canada  rivuga ko ribabajwe no kubona Leta ya CNDD FDD yasubiye muri vya bikorwa bigayitse vyo kwica ubwoko bwa batutsi ubu ikaba yatandukiriye abatutsi baba mugihugu ca kongo ifadikanije nigisirikare ca republika iharanira intwaro rusangi mukurwanya umuhari M23 .Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga wa AC Genocide igisata ca Canada asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU  kuva mugacerere rigakurikiranira hafi ibiriko bibera muri kongo maze abariko bakora ako kabi bagashirwa imbere yubutungane nkuko iryo shirahamwe rimaze kubikora ahandi.
  5. Uwurongoye umutumba Mutambara wo muri komine n’intara ya Rumonge n’umwe mu bahanuzi biwe baraye ijoro rya mbere mu gasho k’igipolisi ca Rumonge. Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko  izo ndongozi zo ku mutumba zagirizwa kunyuruza amafaranga yatanzwe nk’imizibukiro kuri uwo mutumba. Bamwe mu baba kuri uwo mutumba wa Mutambara bakaba basabako ubutungane bwokora.
  6. Umukuru w’umutumba Rugero uri muri komine n’intara ya Kirundo hamwe n’abandi bagabo bane , bafungiwe kuri komisariya y’igipolisi ngaho mu Kirundo kuva kuri uwu wa kane. Bagirizwa kugira uruhara mw’inyuruzwa ry’ibigungurwa vy’abanyeshuli kw’ishuli riri kuri uwo musozi wa Rugero.
  7. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko bugiye gutera intambwe mu guhindura ingene Abarundi barima, mu ntumbero yo kugwiza umwimbu. Ivyo ngo bikazoshoboka biciye mu bisata bibiri, ivyo na vyo bikaba ari ivyo kugwiza imbuto hamwe no kworora kijambere. Umushikiranganji Prospère Dodiko akaba yabishikirije kur’uyu wa gatanu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura. Ahamagarira abafise ubumenyi mu vyo gutunganya amatongo hamwe n’abazi gukoresha ama mashini yo kurima kwiyandikisha bitarenze igenekerezo rya 30 za kuno kwezi kwa 11.

 

Ibindi bisa n'ibi