I. Igenekerezo rya 10 Kigarama uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe agateka kazina muntu kw’isi. Uyu mwaka, uyu musi ukaba uhimbajwe ku civugo « Urwaruka mu rugamba rwo guharanira agateka ka zina muntu ». Umunyamabanga mukuru wa ONU kuri uyu musi, akaba ashimira urwaruka rwitanga mu guharanira agateka ka zina muntu mu bihugu vyabo.
II. Umusi mpuzamakungu wahariwe amasezerano y’agateka ka zina muntu, ugeze mu Burundi, kiremwa muntu yarataye agaciro. Bivugwa na Pacifique NININAHAZWE arongoye ishirahamwe FOCODE. Ivyo adahurizako n’abarongoye umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, uvuga ko ibintu vyifashe neza cane mu gihugu mu gisata c’agateka ka zina muntu.
III. Abarundi baganiriye na Radio Inzamba bari mu gihugu, bavuga ko ata gateka ka zina muntu kari mu Burundi. Ku bwabo, ntibiri agaseseshwarumuri, akaruta akandi karakamira. Ikindi banegura ngo n’uko ubutungane butigenga, ngo bukorera ku gitsure c’abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
IV. Abantu batatu barishwe, babiri bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, nayo 12 barahagarikwa bidaciye mu mategeko. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Iteka gisohoka buri yinga. Andrée Michelle Nsabimana, ajejwe kumenyesha amakuru muri uwo muhari, akavuga ko abakora ayo mabi ari bamwe mu bapolisi, bafadikanije n’imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD.
V. Impunzi z’ abarundi zaheruka guhunguka zivuye mu gihugu ca Tanzaniya, ziriko zirasubira guhungira mw’ikambi ya Lusenda iri mu gihugu ca Congo. Zivuga ko zihunga umutekano muke n’agatotezo k’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD.
VI. Impunzi z’abarundi zirenga ibihumbi bibiri nizo zimaze kwakirwa mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i MULONGWE muri Républika iharanira Démokarasi ya Congo mu kwezi kumwe gusa. Abo bahunga bakaba bava mu ntara za CIBITOKE na BUBANZA, bakemeza ko bahunga kubera umutekano muke wabo.
VII. Gufatwa ku nguvu, kiri mu bintu bibangamiye abakenyezi n’abigeme b’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo. Ivyo biri mu vyavugiwe mu birori vyo gusozera imisi 16 yahariwe kugwanya amabi afatiye ku gitsina akorerwa abakenyezi n’abigeme. Umwe mu barundi bahungiye muri iyo kambi, avuga ko leta ya Congo igerageza uko ishoboye mu guhana abakorera amabi abakenyezi na cane cane mu kubafata kunguvu.
VIII. Hari abanywanyi b’umugambwe CNL bariko baraturatura muri Zone ya Mubone, komine Ntega, intara ya Kirundo. Basabwa kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD, abanse bagakubitwa abemeye nabo bakabanza gutangishwa ihadabu, imbere yuko basubizwa mu mugambwe uri kubutegetsi. Uwurungoye iyo zone ya Mubone akaba abihakana ko ahubwo abari mu migambwe babanye neza.