I. Ibohero ry’i Muyinga ngo rirangwamwo abanyororo b’umurengera. Abahafungiwe bakaba badafise isaganirizo. Ubwo bwinshi bw’abafungwa bukaba buva mu guteba kw’imanza, nkuko amakuru atandukanye radio Inzamba yaronse avyemeza.
II. Igenekerezo rya 10 kigarama buri mwaka, amakungu arahimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu. Uwo musi mukuru, washinzwe inyuma y’ingwano igira kabiri y’isi, ukaba waje wiyamiriza amabi yakorewe kiremwa muntu muri iyo ntambara.
III. Umusi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu ushitse mu Burundi harangwa amabi meshi, akorerwa abarundi. Bishikirizwa na Armel Niyongere arongoye ACAT Burundi, aho amenyesha ko muri uno mwaka honyene, abantu 326 basinzikarijwe ubuzima, 59 baranyuruzwa bagenda amazimayongo, n’abandi isinzi bafungwa bidakurikijwe amategeko.
IV. Me Armel Niyongere asaba reta guhagarika vyihuta iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu, abarundi basubire kubaho bidegemvya.
V. Hari imisore ibiri yo mu mugambwe CNDD-FDD ipfungiwe mu gasho ka komine Matana, kuva kuri uyu wa kabiri. Amakuru ava aho i Matana amenyeshako yafashwe iriko irakizura mw’ijoro. Ayo makuru akavuga ko igipolisi catabajwe n’abariko barahohoterwa n’izo mbonerakure.
VI. Abakozi b’igisata ca reta kijejwe kwiga no gukora ubushakashatsi mu bijanye n’ubworozi hamwe no gutanga imbuto zirobanuye ISABU, bamaze amezi atatu bataronswa agahembo kabo. Imvo zoba zituma batariko bararonswa ako gahembo kabo, ari ukutumvikana guhari kw’ico gisata hamwe n’ubushikiranganji bw’akazi ka reta ku bijanye n’iyinjizwa mu kazi ry’abakozi bashasha. Abakozi ba ISABU bo bakavuga ko bariko bagwa mu mporero.