Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/12/2021

Publié le 10 décembre 2021 par Rédaction
I. Inyuma y’indwi zibiri asubiye guhagarikwa agafungirwa mw’ibohero rya parquet ya Makamba, Lambert Masabo yarungururijwe mw’ibohero rikuru rya Murembwe mu ntara ya Rumonge kuri uyu wa gatatu. Uyo yahoze akora ku bitaro vy’i Makamba mu gisata co gusinziriza abarwayi, yaheruka kurekurwa ku ngingo y’umukuru w’igihugu irekura bamwe mu bafungwa. Umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi kuri ivyo bitaro Eric Ndayegamiye, akaba yagirizwa guta mu mutego umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Makamba. Bakabivuga bafatiye ko Lambert Masabo yarungitswe mw’ibohero rya Murembwe hakoreshejwe imodoka y’ibitaro vya Makamba.
II. Hari umupolisi amaze indwi 3 apfunzwe mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura, kandi sentare yaramuhaye ukwidegemvya. Enoch Nduwimana akaba yakorera muri komisariya y’igipolisi ku Buterere mu gisagara ca Bujumbura.
III. Igipolisi c’Uburundi carerekanye kuri uyu wa kane abanywanyi b’umugambwe CNL bafashwe, kivuga ko biyemerera ko bariko barondera abanywanyi binjira mu muhari w’abarwanyi FNL wa Aloys Nzabampema. Umuvugizi w’igipolisi Désiré Nduwimana, avuga ko ababa binjiye mu migwi y’abarwanyi ari bo abanyepolitike hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko baba banyurujwe bakaburwa irengero. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye isekeza Ndondeza ry’ishirahamwe FOCODE avuga ko imvugo y’umuvugizi w’igipolisi idatangaje, ngo kuko ruza rwabaye uruvyino ku bategetsi b’Uburundi kuvuga ko ababurwa irengero baba bagiye mu migwi y’abitwaje ibirwanisho. Avuga ko icaha co kunyuruza abantu bakagenda mazimayonko kiri mu vyaha bifatwa nk’ivyaha vy’agahomerabunwa.
IV. Imyaka 73 iraheze hatewe umukono ku masezerano mpuzamakungu yo guharanira agateka ka zina muntu, hari itariki 10 kigarama umwaka w’i 1948. Mu Burundi, uwo musi mpuzamakungu w’agateka ka zina muntu ushitse mu gihe kabandanya guhonyangwa. Ivyo biri mw’itangazo amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya Politique mu Burundi yashize ahabona kuri uyu munsi. Ayo mashirahamwe akamenyeshako ababajwe no kubona ubutungane bufata iya mbere mu guhonyanga agateka ka zina muntu kandi aribwo bwari bukwiye kugaharanira. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urunani ruhamagarira abarundi kuba intungane, rumwe mu mashirahamwe yasohoye iryo tanganzo aratubwira ibiri muri iryo tangazo.
V. Umuriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega ugatikiza inganda, ntiwaturutse ku ntsinga zubatswe nabi, nkuko icegera c’umukuru w’igihugu yabisiguye. Ivyo bishikirizwa n’umushakashatsi mu vy’umuyagankuba Albert Nsegiyumva, aho avuga ko iyaba ari intsinga ziteranije nabi zatumye haba iryo sanganya, n’ibikoresho vya REGIDESO vyari kwononekara ariko siko vyagenze. Uyo mushakashatsi akavuga ko ahubwo ari ukuronderera ahandi icatumye iryo sanganya riba.
VI. Mw’ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije barasaba ko inyuma y’umuriro watikije inganda mw’ibohero rya Gitega, abajejwe isuku bokwihutira gupompa mw’ibohero rya Gitega kugira ntihaduke indwara z’ivyaduka. Mamert Sabushimike arongoye ishirahamwe abagenzi b’ibidukikije asaba ko abajejwe ibidukikije bosuzuma inkurikizi zishobora kubangamira ibinyabuzima, kugira hafatwe ingingo  hakiri kare.
VII. Abakozi barenga 140 b’ishirahamwe LYDIA LUDIC BURUNDI baridogera abarongoye iryo shirahamwe, ko bariko bararyugara badategekanya ingene babatekerera, nk’uko amategeko agenga akazi abivuga. Umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe yararitaye aja mu mahanga ataco ababwiye. Abo bakozi basaba umukuru w’igihugu ko yobafasha, agafata ico kibazo mu minwe.
VIII. Kw’ishure shingiro ryo mu Gitwenge muri komine ya Ntega, mu ntara ya Kirundo, havugwa ubukene budasanzwe bw’ibitabu vy’abigisha n’abanyeshure. Kuva mu ntango z’uwu mwaka w’ishure wa 2021 ushira uwa 2022, nta gitabu na kimwe canke impapuro iryo shure ryigeze rironswa. Abavyeyi barereye kuri iryo shure bakavuga ko ata bumenyi bukwiye abana babo baronswa, bafatiye kuri ubwo bukene bw’ibikoresho vya ngombwa. Basaba abayobozi kugira ibishoboka vyose kugira iryo shure ritunganirizwe nk’ayandi mashure.

Ibindi bisa n'ibi