Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/01/2021

Publié le 11 janvier 2021 par Rédaction
I. Inyuma y’indwi zibiri hagandaguwe icegera c’uwurongoye umutumba Gishiha, ni muri komine Burambi, mu ntara ya Rumonge, muri iyo komine nyene uwurongoye agacimbiri Numbwe, Maria Sylvana Gakima yarishwe arashwe n’abitwaje ibigwanisho. Hari mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu. Uyu akaba yishwe inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere n’umutekano Commissaire de police Chef Ndirakobuca Gervais yaraherutse kugirisha inama abatwara abandi mu ntara ya Rumonge, abagabisha ko ata muntu agiye gusubira kwicwa, nayo abazohirahira bakabikora bazoca bafatwa baciribwe urubanza.
II. Biratangaje ingene abantu babandanya bicwa nayo umukuru w’igihugu akaguma mu gacerere, naho umushikiranganji yasa n’uwagabishije abica abantu. Bishikirizwa na Pacifique NININAHAZWE, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, mur’iki gihe ubwicanyi bwabaye ndanse. Ubwo bwicanyi buhitana n’abatware bo mu nzego zo hasi. Pacifique NININAHAZWE akabona ko mu bihe nk’ibi, hari hakwiye ijambo ry’umukuru w’igihugu ryo guhoza ababuze, hakihutirwa n’amatohoza.
III. Igikorwa c’umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha caranzwe n’ubushobozi buke, nta buhinga bwigeze buboneka bwo kwizeza abarundi ko icegeranyo uyo mugwi uherutse gushikiriza ari ic’ukuri. Mu muhari MORENA babona ko ari igikorwa kiriko kirakorwa n’umugwi washizweho n’akagwi k’abategetsi batwara igihugu uno musi. Bishikirizwa n’umushingwamanza Isidore Rufyikiri arongoye umuhari MORENA.
IV. Ingingo zijanye no kwugara imbibe mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwizwa ry’ikiza ca Corona yakurikijwe haba i Mugina mu ntara ya Makamba hafi y’umupaka na Tanzaniya, eka n’i Kobero mu ntara ya Muyinga, naho nyene ni kumupaka wa Tanzaniya. Ni mu gihe ico kiza kibandanya kwibonekeza mu Burundi, aho abandi bantu 100 batowe iyo ndwara.
V. Uno musi niho hatangura ishirwa mu ngiro ry’ingingo zafashwe n’umugwi ujejwe kurwanya ikiza ca corona. Muri izo ngingo harimwo kwugara imbibe zo mu mazi no hasi ku bantu, hamwe no kwongerereza imisi abaje n’indege bamara bari ukwa bonyene, imbere yo kuja mu bandi. Izo ngingo naho zafashwe kugira coronavirus ntikwiragire zishobora kuba impfagusa, hamwe igiturire kiri muri ico gisata kitotuzwa. Ivyo bivugwa na bamwe mu banyagihugu bavuganye na radio Inzamba. Abandi nabo bakabona ko naho ari nziza, zogira akamaro hagiyeho izindi ziziherekeza.

Ibindi bisa n'ibi