I. Ikinyamakuru gikora amatohoza co mu gihugu c’Ubufaransa Mediapart kiribaza imfashanyo z’Ubufaransa ku Burundi, ko zitoba ari ibindi vyinyegeje inyuma yazo mu karere k’ibiyaga binini. Ico kinyamakuru kivuga ko gufashanya k’Ubufaransa n’Uburundi mu vyagisirikare vyasubiriye kuva mu mwaka wa 2018, naho igihugu cavugwa ko gihonyanga agateka ka zina muntu, nk’uko vyabonekera mu vyegeranyo vy’amashirahamwe atandukanye n’umugwi w’amatohoza wa ONU. Ivyatohojwe n’ico kinyamakuru bikaba vyagiye ahabona kuva ku wa 09 Nzero uyu mwaka 2022.
II. Hari umwana w’uwuruyoya yanizwe kuri uyu w’Imana uheze na nyina amuvyara. Ivyo vyabereye ku mutumba Wingoma, zone Butarugera muri komine Butihinda, intara ya Muyinga. Uwo mukenyezi yari yavyaye uyo mwana ku musi w’Imana nyene akaba yafashwe n’igipolisi kuva kuri uyu wa mbere.
III. Abajejwe kwigisha abasirikare baje guca inkofero y’icatsi bamwe bitwa aba commando, bari bakwiye kwigisha ibijanye n’ubuhinga hakuboreza igufa abaje kurondera ubumenyi bwo kurwanira igihugu iyo gitewe n’umwansi. Ivyo bivugwa na Gratien Rukindikiza, umwe mubahoze ari intwazangabo kandi yakurikiranye izo nyigisho mu kigo c’i Gitega. Gratien Rukindikiza akaba abivuze inyuma yaho abasirikare indwi bari baje gukurikirana izo nyigisho bitavye Imana kubera gukubitwa. Gratien Rukindikiza akavuga ko na kera bakubitwa ariko ntivyari bwashike aho abantu baborezwa igufa, gushika aho bahasiga ubuzima.
IV. Inyuma y’aho abo basirikare indwi bitabiye Imana, haciye hashingwa umugwi kugira urabire hamwe ivyabaye n’ingene vyagenze. Ariko abagize uyo mugwi ntibumvikanye, kuko bamwe bavuga ko abo basirikare bapfuye kuko baje barwaye, abandi bati bapfuye kubera bakubiswe. Uyo mugwi ukaba waciye ufata ingingo ko izo nyigisho zohagarara.
V. Agateka k’abafunzwe karahonyanzwe mu kiringo kiva mu kwezi kw’icenda gushika mu kw’icumi na kabiri 2021. Ishirahamwe rukristu rirwanya isinzikarizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu ACAT Burundi, ririyamiriza ugufatwa nabi n’ayandi mabi adasanzwe yagiriwe abanyororo bamwe bamwe. Mu cegeranyo wasohoye kuri uyu wa mbere, ACAT Burundi irerekana ko ukwo kutubahiriza abafunzwe mu gateka kabo bigira ingaruka zikomeye. Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi.
VI. Impunzi z’abarundi bari muri Tanzaniya baricwa, abandi bakaborezwa igufa, hari abafungirwa ubusa n’abandi birukanwa ku nguvu, bashitse i Burundi bagafungwa. Izo mpunzi kandi barazibuza kurima no kworora kugira bikenure. Bishikirizwa na Emmanuel Nkengurutse ari muri UPRONA itemewe n’ubutegetsi. Amenyesha ko ako gatotezo gakorwa gashigikiwe na Tanzaniya.
VII. Emmanuel Nkengurutse asaba Tanzaniya kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu yasinye agenga impunzi, Uburundi nabwo gutsimbataza amahoro aho kwihutira gutahukana abantu ku nguvu.
VIII. Imyidogo ni yose mu basirikare b’Uburundi, haheze amezi atandatu bakatwa amafaranga yagenewe umuryango bita allocations familiales mu gifaransa, ntibamenye igituma bayakatwa. Abo basirikare bababazwa n’ukuntu batanga ibiranga imiryango yabo yose ariko abajejwe abakozi n’akazi mu gisirikare ntibabahe insiguro z’ayo mafaranga bakatwa. Basaba ko ibiro vya gisirikare vyova mu gacerere, kugira baronke inyishu y’ico kibazo.
IX. Hari umugabo yafatiwe mu nzu y’uwundi mugabo mu gicugu co kuri uwu wa mbere. Ivyo vyabereye muri zone Gitaza, komine Muhuta yo mu ntara ya Rumonge. Inyuma yo gutabaza, uwo mugabo yaciye ahagarikwa nk’uko amakuru ava aho mu Gitaza abivuga. Icateye amakenga ngo n’uko aho yaciye hataramenyekana, bamwe mu babanyi bakavugako yoba ari umurozi yariko arakinda. Mu gipolisi bakaba bavuga ko abantu babiri bari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza.