Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/01/2023

Publié le 11 janvier 2023 par Rédaction
I. Uburundi ntiburafata intumbero namba mu bijanye no gutunganya intwaro ibereye. Uko niko vyashikirijwe kuri uno wa gatatu mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, n’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Faustin Ndikumana arirongoye avuga ko ivyo biri uko naho umukuru w’igihugu adasiba gushikiriza amajambo aryohera ugutwi, yo kwerekana ko amafranga atari make amaze kugaruzwa mu kigega ca leta, avuye mu banyuruza amafranga y’igihugu. Faustin Ndikumana akavuga ko abagirizwa ubwo bunyonyezi badaheza ngo bashirwe imbere y’intahe.
II. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, yongera akavuga ko mu bizingamitse intwaro ibereye harimwo kandi ukudahana ivyaha bihonyanga agateka ka muntu, bituma igihugu kidatera intambwe. Ico kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe PARCEM kikaba cari mu ntumbero yo kwihweza ibikorwa vya leta mu mwaka wa 2022, n’ico leta yokora kugira bikosorwe muri uno mwaka wa 2023.
III. Abantu 66 ni bo bamenyekanye ko banduye indwara ya cholera, muri bo 49 barakize, umuntu umwe akaba yarahitanywe n’ico kiza. Ivyo n’ibiharuro bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kuva aho hamenyekaniye ko cholera yateye mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, hari kwigenekerezo rya mbere za kuno kwezi. Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa gatatu, n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji muganga Chloé Ndayikunda, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru aho yavuze ko ico kiza kimaze gutandukira intara zine z’ubuvuzi.
IV. Amakenga ni yose ku mutekano w’abanyororo 7 baheruka kwimurirwa mu yandi mabohero bakuwe mw’ibohero ry’intara ya Rutana. Bamwe bo mu miryango yabo bavuga ko inyuma hafi y’indwi 2 bataramenya canke ngo bamenyeshwe ababo iyo bungururijwe. Amakuru dukura aho mu Rutana avuga ko abungurujwe bikekwa kuba ari bo batanga amakuru y’ibibera muri iryo bohero.
V. Sixte Vigny Nimuraba aherutse gusubira gutorwa kugira arongore umugwi w’igihugu ujejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, kubera ata co yigeze akora ku kiringo ca mbere arongoye uwo mugwi. Mu gihe higaragaje ubwicanyi n’ayandi mabi vyakorwa na bamwe mu bari mu nzego z’igihugu, leta nayo ikabishigikira. Bishikirizwa na Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT Burundi. Ku bwiwe uwo mugwi w’igihugu ugizwe n’abantu batabikwiye na gato, uravye igikorwa bajejwe.
VI. Imyidogo ni myinshi mu bavyeyi barereye kw’ishure shingiro ya Gatwaro muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba. Bidoga bavuga ko naho umugenduzi w’inyigisho muri iyo komine yari yagendeye iryo shure kugira ngo atore umuti ku kibazo c’abana biga mu mwaka wa 5B, batararonswa amanota y’igice giheze, atavyo yakoze. Aho bigeze, ngo abo bana bariko bandikirwa amanota atari yo. Abo bavyeyi basaba ubuyobozi bw’indero mu ntara kugira ico buterereye mu gutora inyishu y’ico kibazo.

Ibindi bisa n'ibi