Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/02/2022

Publié le 11 février 2022 par Rédaction
I. Ikiziga c’umukobwa caratowe ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, ku mutumba wa Gahongore muri komine Bubanza. Amakuru atangwa n’abamubonye ubwa mbere, avuga ko basanze agahuzu kamuvuyeko, bakibazako yabanje gufatwa ku nguvu imbere yo kwicwa, anigishijwe agatambara. Gushika ubu ntawuzi ico yazize, be n’abakoze ico caha. Uyo mukobwa akaba yaba ku mutumba wa Buhororo. Musitanteri wa komine Bubanza Olive Niyonkuru amenyesha ko bariko baratohoza  ivyabaye. Uwo yishwe nawe yaraye mu buruhukiro.
II. Abasirikare b’Uburundi bishwe na bagenzi babo ngo banse kujabuka mu buseruko bw’igihugu ca Congo, ngo ni ubutumwa bwahawe zina musirikare. Ivyo bivugwa n’umwe mu basirikare asaba ko abakoze ubwo bwicanyi bokurikiranwa. Ni mu gihe hari umusirikare w’ipete rya Caporal Chef, Jean de Dieu Sinzinkayo, yaraye amenyekanye muri abo basirikare bishwe.
III. Amaradiyo ngo yaragwiriye mu Burundi kandi ngo arafasha cane abarundi kumenya aho igihugu kigeze. Vyashikirijwe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru mu Burundi Léocadie Ndacayisaba. Uwo mushikiranganji aremeza ko amaradiyo ashikiriza amakuru n’ibiganiro bishika ku nyota abanyagihugu. Aho hari mu kiganiro catanzwe ku bamenyeshamakuru mu gihe mu Burundi hahimbajwe kuri uno wa gatanu umusi mpuzamakungu wahariwe iradiyo, umusi usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 13 ruhuhuma uko umwaka utashe.
IV. Kuba mu Burundi hari amaradiyo menshi ntibivuga ko abanyagihugu baronswa inkuru uko bavyipfuza. Ivyo bivugwa na Alexandre Niyungeko, arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi, UBJ. Aho akaba abeshuza umushikiranganji wo kumenyesha amakuru aho avuga ko mu Burundi umwuga wo kumenyesha amakuru wateye imbere, afatiye kw’irwirirana ry’amaradiyo. Alexandre Niyungeko akavuga ko ibimenyeshamakuru nk’amaradiyo mu Burundi bidafise ubwigenge bwo gukora ku nkuru zose.
V. Umusirikare wese w’umurundi ari kugarukana amahoro muri Somaliya ategerezwa kwicandagisha bidatevye, ikiza ca Covid-19. Uwuzobirengako ntarekuriwe kubandanyayo akazi kamujanye. Vyashikirijwe na Général de brigade Elie Ndayizigiye, batazira Muzinga, arongoye contingent y’abarundi, mu nama bagirishijwe ku musi wa kabiri. Abamukuriye aho muri AMISOM ngo bamaze imisi bamuremereye ku kibazo c’abasirikare b’Uburundi babaye intambamyi yo kutirinda Covid-19 muri Somaliya.
VI. Abanyagihugu baca ku kiraro ca Muzazi  kigabura  zone Buterere na Maramvya yo muri komine Mutimbuzi hafi y’ikibuga c’indege ca Bujumbura, baranegura igikorwa c’abapolisi bajejwe uruja n’uruza bakorera kuri ico kiraro. Bemeza ko abo bapolisi batoza amafaranga, abatayaronse bakururutswa imiduga bakarara aho mw’ibarabara kuko bataronse amafaranga yo kubapfumbatisha. Abo banyagihugu basaba ko iyo bariyeri yokurwaho kuko hasanzwe abasirikare bacungera umutekano w’ikibuga c’indege.

VII. Impunzi z’abarundi bahungiye mu makambi ya Lusenda na Mulongwe mu gihugu kibanyi ca republika iharanira demokrasi ya Congo, baratewe umutima uhagaze n’amacakubiri afatiye ku bwoko arangwa muri ayo makambi. Abo mu bwoko bw’abatutsi ngo ntibakirenga amakambi ku gutinya ko abanyecongo bo mu bwoko bw’ababembe bababwira ko badakeneye abatutsi mu gihugu cabo. Aho bigeze, ngo ntibabemerera kuja kwivuza, kuja mu mirima canke mu masoko, icibagiwe co ngo ni abana batakija ku mashure. Bavuga ko ibintu vyatanguye kuyangara kuva aho hatanguriye kuvugwa imbonerakure n’abasirikare b’abarundi mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi.

VIII. Kubera ayo macakubiri afatiye ku bwoko aje yiyongera ku yandi mabi akorerwa izo mpunzi, mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi CBDH-VICAR, rusaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR, kurondera ikindi gihugu izo mpunzi zojamwo mu gihe vyonanirana ko zicungererwa umutekano aho ziri muri kino gihe. Léopold Sharangabo ni icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR.

Ibindi bisa n'ibi