I. Amakenga ni yose mu banyagihugu baba ku mutumba Mugoboka muri quartier Mutanga ni muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Ayo makenga akaba afatiye ku mushoferi yacumiswe yongera asahurwa amafranga yose yari afise, n’abantu batatu bazwi; haciye iminsi cumi ariko gushika ubu bacidegemvya. Basaba abajejwe intwaro n’ubutungane gukurikirana abo bagizi ba nabi.
II. Umushikiranganji w’indero akwiye gufata iya mbere mu gushengeza imbere y’ubutungane abarezi bagirizwa gushurashuza abana mu mashure. Ako n’akamo gaterwa n’umupfasoni Eulalie Nibizi, ari mu bakurikirana ikibazo c’indero mu Burundi. Ivyo abivuze inyuma yaho ishirahamwe FENADEB ryerekanye ibitigiri birenga 3600 vy’abana batwajwe inda mu mashure, mu kiringo c’imyaka itatu. Ku bwiwe, umushikiranganji akwiye guha intege amashirahamwe aharanira agateka k’abana hamwe n’abarezi bashira ahabona ayo mabi, kugira abayakora batuzwe.
III. Umwigisha wo kw’ishure nshingiro rya ECOFO Nyamitore iri muri komine Vyanda mu ntara ya Makamba, yararekuwe n’inyamiramabi izwi kw’izina rya Ndamiye Léonard. Ni mu gihe, uwo mwigisha yagirizwa gukubita umupolisi agakomereka mu mutwe, kw’igenekerezo rya 02 Ruhuhuma uno mwaka. Amakuru dukura muri iyo ntara, amenyesha ko uwo mwigisha abandanya yidegemvya, mu gihe uwo yakubiswe akiri mu bitaro kandi ubuzima bwiwe businzikaye cane. Umuryango wiwe ugasaba ko ubutungane bwokora, uwagirizwa ico caha agahanwa hisunzwe amategeko.
IV. Impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya zisaba Commisaire mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR Filippo Grandi, guhagararira agateka kazo mu rugendo arimwo, aho muri ico gihugu kibahaye indaro. Bamwe mu baganiriye na radiyo Inzamba agateka kawe, basigura ko kuva mu mwaka wa 2017 gushika uno musi, leta ya Tanzaniya idahengeshanya kubatoteza kugira batahuke ku nguvu, mu gihe bo babona ko ico bahunze mu Burundi n’ubu kitaratora umuti.
V. Ikiganiro Kw’Isôko c’uno musi kigaruka ku mvugo ya leta y’Uburundi, imenyesha ko gushika ubu, ikirindiriye ko Urwanda ruyirungikira abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015.