I. Agateka ka zina muntu kaguma gahungabana n’ubu mu Burundi nk’uko bimenyeshwa n’umugwi wigenga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ujejwe amatohoza ku Burundi. Leta y’Uburundi yo iguma yemeza ko ivyerekeye agateka ka zina muntu vyifashe neza. Ivyo vyashikirijwe kuri uwu wa kane i Genève mu gihugu ca Suisse, igihe hariko hashikirizwa icegeranyo cerekeye Uburundi imbere y’inama yerekeye agateka ka zina muntu.
II. Abahagarariye amasezerano y’amahoro I Arusha agiterwako umukono bategerezwa gutunganya inama mpuzamakungu mu ntumbero yo kwiyamiriza ingene ayo masezerano ariko ahonyangwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Ivyo biri mw’itangazo umuhari MAP Burundi Buhire wasohoye kuri uyu wa kabiri, inyuma y’inama uheruka gutunganya ku bijanye n’amasezerano ya Arusha. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’uwo muhari, avuga ko urwaruka rwategerezwa kwigishwa kugira ruharanire ayo masezerano y’amahoro.
III. Igisirikare c’Uburundi kiriyamiriza abacagiriza ko cinjiye ku butaka bwa Congo kigiye guhiga abansi b’igihugu. Umuvugizi w’igisirikare akaba yabivuze kuri uyu wa kane mw’itangazo, yavuze ko ariryo kubeshuza ayo makuru, ko igisirikare c’Uburundi cubahiriza imbibe z’ibihugu bibanyi nkuko bivugwa na Colonel Floribert Biyereke. Iryo tangazo rikaba rije inyuma y’aho radiyo Inzamba ironkeye amakuru ko igisirikare c’Uburundi kiri ku butaka bw’igihugu ca Congo. Ivyo bikaba vyashikirijwe na bamwe mu banyagihugu b’abanyecongo bababonye, hamwe na bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Bose bakaba biyamiriza imigwi yitwaje ibirwanisho ikunda kwinjira muri Congo ivuye mu Burundi igiye guhungabanya umutekano. Muri ico gihe, na bamwe mu basirikare b’Uburundi bakaba baremeje ko hari bamwe muri bo bajabutse muri ico gihugu ca Congo.
IV. N’ibice 62% ubushikiranganji bw’indero bwafatiyeko ku banyeshure bavuye mu mashure y’akarorero bita Ecole d’Excellence, abavuye nabo mu mashure yandi bagafatirwa ku bice 70% mu binjira mu gisata c’ubuvuzi muri kaminuza y’Uburundi. Iyo ngingo ni iy’akarenganyo kandi ifatiye kw’ikumirwa. Bivugwa na Karoli Nditije yahoze mu mugwi wari ujejwe guhinyanyura inyigisho za kaminuza, aho asigura ko nyabuna hakoreshejwe ikibazo, horabwa amanota amwe kuri bose hakurikijwe ibibanza biriho, aho gukundwakaza bamwe babanje kwanka abandi.
V. Imyidogo ni myinshi mu badandaza bafise amaduka ari inyuma y’isoko ryo ku Musaga. Ni mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Gervais Ndirakobuca afatiye ingingo y’uko amaduka yose ari mu mazu atabigenewe yimurirwa mu masoko. Abo banyagihugu bemeza ko ubu isoko ryo muri zone ya Musaga komine Muha ryuzuye, ivyo bigatuma abafise amaduka ari inyuma y’iryo soko bose bataronse ibibanza, nk’uko umunyagihugu yaganiriye na radiyo inzamba abivuga.