Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/04/2022

Publié le 11 avril 2022 par Rédaction
I. Mu ntara ya Ngozi havugwa ingaruka zo kubura ibitoro : Ibigega vyo kubikamwo ibitoro vyo mu ntara ya Ngozi biramaze indwi zibiri zirenga ata n’ima ry’igitoro riharangwa. Abiyunguruza bakoresheje ivyuma binywa igitoro bakavuga ko igiciro c’itike cadugijwe incuro zibiri. Abaja canke bava mu ma komine bobo bavuga ko ubwanwa bwafutse umunwa kuko amapikipiki yahagaritwe gukora.
II. Abavyeyi barereye kw’ishure shingiro rya Mabanda ya mbere iri muri komine Mabanda y’intara ya Makamba, bagiriza umuyobozi w’iryo shure ko amaze imyaka itatu abatoza amafranga batabona neza ico aheza agakoreshwa. Basaba abarongoye indero muri komine kuza kubuzuriza n’uwo muyobozi, kuko ngo kuva bashize ahabona ico kibazo ata nama y’abavyeyi yasubiye gutumako.
III. Abanyagihugu bafise amatongo ahazokwubakwa ikivuko ca Rumonge baridoga ko bagomba kuyanyagwa. Babishikirije inyuma y’inama bakoreshejwe na buramatari w’iyo ntara mu ndwi iheze, aho yabagirije ko impapuro bafise ari iza magendo. Bagasaba ko botunganirizwa.
IV. Umugwi wa Athlético New Oil ni wo uri mu kibanza ca mbere kuva kuri uno w’Imana, ikibanza Bumamuru yarimazemwo imisi myishi. Muri basketball naho mu nkino zitangurira ihiganwa ry’Uburundi, imigwi yo hagati mu gihugu yose yaratsinzwe n’imigwi y’I Bujumbura.

Ibindi bisa n'ibi