I. Ingoro y’umugambwe CNL muri komine Ryansoro iri ku mutumba Ngaruzwa muri zone ya Rweza, yaraye ibomowe n’abagizi ba nabi bataramenyekana. Abanywanyi b’uwo mugambwe bakibaza ko ari imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zabikoze, bakifuza ko abanyamigambwe bari bakwiye kubana mu mahoro.
II. Umugambwe CNL ukwiye kumenya ko intwaro ya CNDD-FDD itisunga demokrasi, ishaka ko mu Burundi habazwa umugambwe umwe rudende ari wo CNDD-FDD. Ivyo bishikirizwa n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Bamvuginyumvira Frederiko. Ni mu gihe abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Ryansoro bajuragizwa bagatotezwa, eka n’ingoro y’umugambwe CNL muri iyo komine ikanasamburwa. Arongera akavunira akagohe abarongoye umugambwe CNL mu kwirwanira bagaharanira ishirwa mu ngiro ry’ibwirizwa nshingiro.
III. Nayo ivyaraye bishikirijwe na Petero Claver Ndayicariye arongoye umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi, ku vyerekeye urupfu rw’umwami Ntare V n’ibinyoma, kandi amatohoza kuri urwo rupfu yategerezwa gukorwa nigipolisi kibifitiye ububasha. Bishikirizwa na Karoli Mukasi yahoze arongoye umugambwe UPRONA. Ku bwiwe ngo umugwi CVR ubandanya uhubisha abarundi, vyongeye ukabacanishamwo.
IV. Imodokari zirenga 15 z’abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somaliya mu nteko z’ubumwe bwa Afrika ATMIS ziramaze igihe kinini zidakora. Imvo ngo ni ibikoresho bitagurwa biba vyapfuye, kandi ubumwe bwa Afrika buba bwatanze amafranga yo gukoresha izo modoka. Abasirikare basaba ko ivyo bikoresho vyogurwa izo modokari zigasubira gukora, zongere zibasahirize mu kazi nk’uko vyahora, zitarakwama.
V. Uwurongoye ishirahamwe ry’abagendana ubumuga bwo kugigimiza apfungiwe mu gasho k’iperereza i Bujumbura kuva kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2023. Yafashwe mu gihe bari mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, ibirori vyari vyitabwe n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye. Mahoro Pacifique, yafashwe yagirizwa gufata amafoto y’umukuru w’igihugu. Abiwe basaba ko yorekurwa kuko ata caha kirimwo.
VI. Ikigega mpuzamakungu FMI kigiye guha Uburundi ingurane ingana n’imilioni 261 z’amadorari. Mw’itangazo ico kigega casohoye ku munsi wa mbere, iyo ngurane izotangwa mu mezi 40, ikaba ije kunganira ubutunzi bw’igihugu bwari bugeramiwe nkuko biri muri iryo tangazo. Ingingo ishimisha ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye, asaba leta gushira mu ngiro neza ibiri muri ayo masezerano bagiranye, kugira igihugu gisubire kinagure ubutunzi.
VII. Imyidogo ni yose ku bihereza ibinyobwa vya BRARUDI bitambiye, mu ntara za Kayanza na Ngozi mu buraruko bw’igihugu. Ukwezi kurenga kuraheze ivyo binyobwa bitaboneka muri izo ntara zibiri. Abihereza ivyo binyobwa co kimwe n’ababidandaza basaba ishirahamwe Brarudi gutorera umuti ico kibazo.