I. Umuntu umwe niwe yaraye aguye mu gitero caraye kibaye mu bunywero buri muri karitiye Twinyoni, zone Kamenge, kw’ibarara rya 11. Amakuru dukura mu banyagihugu baba muri iyo karitiye, avuga ko ico gitero ca grenade coba carakomerekeje cane abantu barenga 10. Abo banyagihugu bagasaba ko umutekano wokongerezwa.
II. Bamwe mu basirikare batashe bavuye mu gihugu ca repuburika iharanira demokarasi ya Congo, bari mu bihe bitoroshe nk’uko amakuru ava mu gisirikare abitubwira. 8 muri bo baguye ku rugamba muri ico gihugu aho batanye mumitwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho batashoboye kumenya abaribo. Abo bakaba baciye bahambwa mu mashamba yo muri ico gihugu. Abaduhaye amakuru bamwe mu bari bajanwe muri izo ngwano, bakababazwa n’uko nk’abo bapfuye, imiryango yabo itazokwigera imenya ko batakiriho.
III. Abanywanyi 3 b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa, bo ku mutumba Mangoma, muri zone Mugano, ya komine Giteranyi y’intara ya Muyinga, bafungiwe mu gasho ka komisariya y’iyo komine kuva kuri uyu w’Imana uheze. Bagirizwa gutemagura umurima w’ibitoke vy’umukuru w’uwo mutumba. Abandi banywanyi b’umugambwe CNL bakavuga ko abo bapfunzwe bariko bararenganwa, kuko ata kintu na kimwe cemeza ko aribo bakoze ico caha. Bagasigura ko bariko bazira umukeko gusa, kuko atari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi.
IV. Umunyororo Clément Nkurunziza afungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi, yandikiye umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, kugira ukore ibishoboka vyose ubaze aho dosiye yiwe igeze. Clément Nkurunziza yagirizwa ubwicanyi bw’abanyeshure b’aba Hutu bwabereye muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 1995, iryo pfungwa ryiwe akabonako ritisunze amategeko kuva muri Ntwarante 2018.
V. Kabaye akababaro ku bakozi ba sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa i Bujumbura. Bari bemerewe ko bapimwa umugera wa corona kuri uyu wa mbere, ariko barindiriye barabura nkuko amakuru avayo abivuga. Ni mu gihe umwe mu bahakora, yatowe iyo ndwara mu ndwi iheze. Uko kurindirizwa rero vyatumye abakorera muri ico kibanza bagumana ubwoba, bagasaba gupimwa kugira bamenye ko boba baranduye.
VI. Impunzi z’abarundi zose ziba mu gisagara ca Kigali ngo zizoronswa agafashanyo ka HCR, ko kwifashisha mu bihe vya COVID19. Ivyo bimenyeshwa na Patrice Ntadohoka, arongoye komite y’impunzi ziba muri uwo muji. Ishirahamwe HCR ngo ririko ririta ku rutare kugira ngo ako gafashanyo gashikire bose. Patrice Ntadohoka aranegura ariko abo bose bakwiragiza intonde z’imyirondoro y’impunzi. Ivyo ngo biteye kubiri n’amategeko, kuko ari igikorwa c’ishirahamwe HCR gusa.
VII. Impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mulongwe muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo zigira zikwize amezi 3, zitaronswa ibifungurwa. Imvo ikaba ari uko izo mpunzi zanse uburyo bushasha bwo kuziha amafaranga ya ration, biciye ku materefone ivyo bita M-Pesa, ngo kuko habamwo udukosa ugasanga hariho abataronse. Zigasaba ko boyaronswa biciye muma banki nkuko vyahora. Uwuserukira izo mpunzi aho i Mulongwe arazihumuriza ko ikibazo kigiye kuva munzira, akanamenyesha ko ingorane ari uko PAM itabagishije inama hakiri kare kuri ubwo buryo bushasha. Uruganda rwa Radio Inzamba ntirwaronse abo muri PAM na HCR ngo bagire ico babitubwiyeko.
VIII. Imyaka 39 iraheze kuri uno wa mbere Bob Marley umunya jamaïka yitirirwa ubwami bw’umuziki w’umudiho wa reggae yitavye Imana. Umuziki wiwe n’ubuntu bwamuranze, bikaba vyari bigizwe n’urukundo mu bantu, uguhagararira agateka ka zina muntu n’ugusubiza hamwe. Turabibutsa ivyaranze uwo Robert Nesta Marley.