I. Hari abana babiri bavukana baraye bishwe bacumiswe imbugita muri iri joro ryakeye buca ari ku musi wa kane. Ivyo bikaba vyabereye ku musozi Gihororo na komine Gatara mu ntara ya Kayanza. Se abavyara agakekwa kuba ari we yoba yaraye yikoze mu nda. Igipolisi kikaba kikirondera uwo yikekwa gukora iryo bara, ngo kuko abo bana bagiheza kwicwa yaciye atungwa n’ayo yameze.
II. Amafranga 420 000 ya magendo yaraye afatanywe abantu babiri bavukana mw’ijoro ryakeye. Ivyo vyabereye muri komine Bukemba intara ya Rutana. Euraste Sinzinkayo akora ku bitaro vya Gihofi na murumuna we Abel Niyonizigiye, bafatiwe ku mutumba Butare isaha zibiri z’ijoro, aho bariko bayaha abakora urudandazwa rwa Ecocash na Lumicash.
III. Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni muri kino kiringo ari mw’ibohero arafise ibintu vyinshi cane ubutungane bukwiye kumubaza ku barundi bishwe, abandi baraborezwa igufa, bakekwa ko batemera ubutegetsi bwa CNDD-FDD cane cane ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ivyo bivugwa na Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro, aho amenyesha ko abo Bunyoni yatumye gukora ayo mabi bariho kandi bazwi. Asaba ubutungane gukora neza, maze icaha nicamwagira ahanwe nk’umunyagihugu uwariwe wese.
IV. Leta ya Tanzania niyikubite agashi yerekane aho impunzi zitanu z’abarundi zanyurujwe mu ndwi iheze mw’ikambi ya Nduta ziri, gurtyo imiryango yabo ibone kurema. Biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa kane n’ishirahamwe CBDH-VICAR ryitaho agateka k’impunzi z’abarundi ziri muri kano karere. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, arerekana ingene igipolisi ca Tanzaniya gikorana na bamwe mu barongoye izo mpunzi bazitoteza, kugira zitahukanwe ku nguvu.
V. Impunzi z’abarundi zababa 210 000 ziramaze gutahuka mu gihugu cabo ku gushaka kwabo kuva mu 2022, igihe impande zose zatangura guhimiriza izo mpunzi gutahuka. Biri mu rwandiko rwasohowe n’izo mpande, uko ari zitatu, ari zo abaserukira leta z’Uburundi na Tanzaniya, hamwe n’abaserukira ishirahamwe HCR,kw’igenekerezo rya 10 rusama uno mwaka, igihe hatangura inama i Gitega mu Burundi inama y’imisi itatu yo kurabira hamwe aho bagejeje umugambi wo gutahura impunzi z’abarundi ugeze n’intambamyi zihari. Uwo mugambi ukaba watanguye mu 2022.