I. Abanyororo 111 ni bo baraye barekuwe bava mw’ibohero rikuru rya Mpimba, mu ntumbero yo gushira mu ngiro ikigongwe c’umukuru w’igihugu catanzwe ku banyororo mu mpera z’umwaka uheze wa 2021. Abanyororo barekuwe bagirizwa ivyaha bisanzwe, ivyo bita mu gifaransa crimes de droit commun. Mw’ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya isinzikarizwa ry’ubuzima rya kiremwa muntu ACAT Burundi, bavuga ko bashima iyo ngingo, naho ibitigiri vy’abarekuwe ari bike ugereranije n’abanyororo bari mu mabohero atandukanye.
II. Ingorane ni nyinshi ku bakenyezi bankiwe kuronswa ubuhungiro muri Tanzaniya. Bahitamwo kuja kuba mu mashamba aho gusubizwa i Burundi. Zimwe muri izo ngorane, ngo ni ukutagira uburenganzira bwo kwivuza, guhitanwa n’imbanyi no guhohoterwa iyo bagiye gusuma.
III. Ubuzima abo bakenyezi babayemwo burateye umutima uhagaze urunani rw’abaharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi CBDH-VICAR. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, asaba leta ya Tanzaniya kubahiriza amasezerano mpuzamakungu yashizeko igikumu, yerekeye impunzi.
IV. Bene ubunywero bwo mu gisagara ca Kayanza no mu micungararo yaho, bavuga ko badandaza nabi nabi kuva hafashwe ingingo ibuza kubaga inka, impene n’intama kubera ikiza c’indwara ya Rift Valley. Bavuga ko bisigaye bibagora guhemba abakozi, kuriha amazu bapanze, co kimwe n’amakori. Bagasaba ababijejwe gukora, kugira haboneke umuti w’iyo ndwara hanyuma imirimo yabo ibandanye nka mbere.
V. Ikigabane Kw’Isôko c’uno musi kituyagira ku ngingo iherutse gufatwa n’inama nshikiranganji yo kwugara amashure amwe amwe atubahiriza ibisabwa.