I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye agenye mu mabanga ba Buramatari b’intara z’u Burundi. Nka bose ni bashasha muri ayo mabanga. Abagenywe barimwo abasirikare, abapolisi, abakozi b’igendereza hamwe n’imbonerakure. None abagenywe muri ayo mabanga ni bande ? Kahise kabo ka hagufi ni akahe? Tubabwira bamwe bamwe mu baraye begenywe.
II. Kubona hari abajejwe umutekano bagenywe kurongora intara zimwe zimwe, vyerekana ko leta ya Evariste Ndayishimiye ishaka gucinyiza abantu baturuka muri izo ntara. Uyo n’umwihwezo wa Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha, akaba kandi yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Ku bwiwe, intwaro ya CNDD-FDD igomba gukoresha inguvu, kuko yabonyeko abanyagihugu benshi batakiyishaka.
III. Kubwa pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, ngo yihweje igenwa ry’abo bagiye kurongora intara, asanga harimwo ukubandanya bubaka intwaro ya gisirikare, co kimwe no gushimira bamwe mu bari mu rwego rw’iperereza bagize uruhara, mu vyaha n’inyuruzwa ry’abantu kuva mu mwaka wa 2015. Pacifique Nininahazwe.
IV. Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch ryarakurikiraniye hafi ihinduka ry’intwaro mu Burundi. Lewis MUDGE arongoye iryo shirahamwe muri Afurika yo hagati, aranegura ko mu majambo yiwe ya mbere umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yashikirije, abandanya gufata abatavuga rumwe na leta nk’abansi b’igihugu. Nayo igenwa muri Leta ry’abari mu bihano mpuzamakungu, ngo n’ubutumwa budasanzwe umukuru w’igihugu ku kungene agiye kurongora igihugu.
V. Uwo arongoye Human Rights Watch muri Afurika yo hagati, asaba umukuru w’igihugu kuvavanura n’ingendo mbi yaranze Petero Nkurunziza, mu kwemera ko ibitagenda neza bishikirizwa; Lewis Mugde asaba Evariste NDAYISHIMIYE guhagarika ibikorwa bitabereye bikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure zegamiye umugambwe akomokamwo
VI. Muri kino gihe co kwiyamamariza ibibanza vy’abakenguzamateka, abanywanyi b’umugambwe CNL mu ntara ya Rumonge bavuga ko batoroherezwa mw’itunganywa ry’amanama ategura ivyo bikorwa, abandi bakabandanya bafungirwa ubusa. Abo banywanyi b’umugambwe urongowe na Agathon RWASA bagasaba ababijejwe ko bofata kumwe abariko barahiganwa.
VII. Ihagarikwa rya Mushano Thérence, icegera c’uwurongoye AC Génocide Cirimoso, ngo ntaho risana n’uko yoba yari yarenze amategeko mu guha ikiganiro abamenyeshamakuru bamusanze aho akorera. Uwize amategeko umushingwamanza Yves Runyagu, akabona ahubwo bifitaniye isano n’ibirori vyariko birabera mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi vyo kwibuka abanyeshure b’abahutu bishwe mu mwaka wa 1995.
VIII. Isekeza ryo gupima ikiza ca Covid 19 mu kivunga mu Burundi rigeze ku munsi wa gatandatu ribera mu bice bitatu bigize igisagara ca Bujumbura. Ibitigiri vyavuye mu minsi ine ya mbere vyerekanye ko abantu 58 aribo batowe uwo mugera ku bantu ibihumbi 2676 bapimwe. Kugeza uno munsi rero ibitigiri vy’abamaze kwandura bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara, ni 256. 131 bakaba barakize n’umwe amaze kwitaba Imana. Bikaba bitegekanyijwe ko ivyo bipimo bizobandanyiriza no hagati mu gihugu kuva mu ndwi iza.
IX. Ikiza ca Covid 19 carasinzikaje bamwe mu mpunzi z’abarundi baba mu karere ya Huye, mu ntara yo mu bumanuko bw’igihugu c’Urwanda. Umuryango wa Christine Kamikazi ni umwe mu yakozweko n’ico kiza, ariko paruwase ya Rango ari nayo yabakiriye, yahavuye ibafata mu mugongo ku buryo bubayabaye, nkuko Patiri mukuru w’aho yabisiguriye bagenzi bacu bishikiye muri ako karere.
X. Ikigabane Kw’Isoko c’uno munsi gishimikira ku kamaro k’ingingo leta y’Uburundi imaze imisi ifata, ku vyerekeye ukurwanya akaranda ka coronavirus.