Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/07/2023

Publié le 11 juillet 2023 par Rédaction
I. Amatohoza kw’inyuruzwa rya Elie Ngomirakiza, umunywanyi w’umugambwe CNL ageze he inyuma y’imyaka 2 atawuzi irengero ryiwe? Ico kibazo kibazwa n’ishirahamwe FOCODE mw’ikete rigira kabiri ryarungikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, kuri uyu wa mbere uheze. Urwo rwandiko rusaba umukuru w’igihugu gukoresha ububasha bwose ahabwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’ayandi mategeko, ategeke habe amatohoza akwiye kw’inyuruzwa ry’iyo ndongozi y’umugambwe CNL muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura. Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, arerekana ko ata matohoza yigeze aba, kandi iryo nyuruzwa ryaravuzwe henshi ku mbuga ngurukanabumenyi, mbere n’intwazangabo ivyagirizwa ikaba itigeze ibazwa na kimwe.
II. Mu gihe abategetsi batazoba bafise itegeko ribategeka kubanza kwerekana amatungo bafise imbere n’inyuma yo kuja mu mabanga y’igihugu, bizogorana ko igiturire kiranduranwa n’imizi mu Burundi. Ivyo ni bimwe mu bisabwa n’ishirahamwe OLUCOME, ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, mu kiganiro ryaremesheje kuri uyu wa kabiri ku bamenyeshamakuru. Ni mu gihe kuri uyu wa kabiri ariho hibukwa imyaka 20 iheze ibihugu vya Afrika bishize umukono yiyemeza kugwanya igiturire. Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, abona ko igiturire mu Burundi ari yo ntandaro yo kuba mu bihugu vya mbere bikenye ku migabane yose y’isi.
III. Harakenewe gushirwaho mu Burundi umugambi w’igihugu werekana ingene abanyagihugu babayeho, na rirya muri kino gihe irwirirana ry’abantu riri ku murindi udasanzwe. Akamo gaterwa n’ishirahamwe PARCEM, ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo, mu gihe kuri uyu wa kabiri amakungu ahimbaza umunsi wahariwe irwirirana ry’abantu kw’isi. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu, aribaza ingene Uburundi buzomenya ivy’abanyagihugu bakeneye, mu gihe ata mugambi ujanye n’ukumenya ibibahanze uhari.
IV. Hari icizere ko leta n’abakozi baheruka gushirwa mu bukukuruke bumvikana. Ivyo vyemezwa na Sylvestre Ntibantunganya, arongoye umugwi ujejwe ibiganiro mu kazi. Abishikirije inyuma y’aho hibonekeje imyidogo y’amasendika y’abakozi bo mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu, zanka ko abakozi bakukuruka ku myaka 60. Sylvestre Ntibantunganya akavuga ko uwo mugwi uzogira ico uterereye mu gihe leta n’abo bakozi bazobisaba. Akaba yabivugiye kuri micro ya bagenzi bacu bo kuri télévision Isanganiro.
V. Haribonekeza ubugizi bwa nabi mw’itongo ry’abapfuye riri ku mutumba Kinyota muri komine n’intara ya Muyinga. Ubwo bugizi bwa nabi bukaba bufatiye ku bantu barandura imisaraba y’ivyuma, bagaca baja kuyigurisha. Ubwo bugizi bwa nabi nk’ukwo amakuru ava ngaho i Muyinga avyemeza ngo bukorwa n’abana bamaze gutandukanya iciza n’ikibi, mbere babiri muri bo bakaba bamaze gufatwa. Musitanteri wa komine Muyinga, Amedée Misago, asaba abanyagihugu bo kuri uyo mutumba kurikanura bagata muri yompi abo bagizi ba nabi.
VI. Mukurikire agakino k’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka, agakino bise « Tunywere mu gakuza ».

Ibindi bisa n'ibi