I. Umushikiranganji wo kwivuna abansi, kuri uyu wa kabiri yakoranije abasirikare bo mu ntara ya mbere ya gisirikare. Muri iyo nama, ibibazo bijanye n’iduzwa ry’amapete hamwe n’irungikwa ry’abaja kugarukana amahoro hanze, vyabajijwe umushikiranganji Alain Tribert MUTABAZI, nta nyishu yari abifitiye. Ico yagumye agarukako n’uko leta iriho ubu, ari leta mvyeyi, abasirikare bategerezwa kuyiyumvamwo ntibakorere abakoloni.
II. Abashingamateka 32 bo mu mugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa, bariyamiriza inyandiko z’ibinyoma zimaze imisi zishirwa ku rubuga ngurukana bumenyi. Izo nyandiko kubw’abo bashingamateka bavuga ko atakindi zigamije, atari ukubadodobereza mu gukoresha amajambo abiba urwanko. Muri urwo rwandiko rwasohotse kuri uyu wa mbere, inyuma y’ishirwaho ry’ibiro vy’inama nshingamateka, barahumuriza abanyagihugu ko bazobaserukira hisunzwe amategeko.
III. Abanyororo 16 bagirizwa gusahura no kwica mu ntara ya Makamba, barengukijwe imbere ya sentare isubiramwo imanza ya Makamba, aho yari yagiye kubaburanishiriza mw’ibohero rya Murembwe mu ntara ya Rumonge. Abo banyororo bagizwe n’aba civil 12 n’aba polisi 4 harimwo intwazangabo 1, ibisongerezi 2 n’umwe wo mu rwego rw’abapolisi batobato, bakaba basabiwe n’icariho c’umushikirizamanza, gupfungwa ubuzima bwabo bwose kuvyaha vyo gusahura no kwica. Abo bose, icaha bakaba bagihakanye naho nyene hari abari baje gusura, bavuga ko bacitse kw’icumu. Urwo rubanza rukaba ruzosomwa kuri uyu wa gatanu nk’uko amakuru ava ngaho mu Rumonge avyemeza. Tubamenyeshe kandi ko abandi 8 bagipfungiwe mu gasho ka parike ya Makamba, bakekwako ivyo vyaha nyene.
IV. Umunyororo w’imyaka itanu n’ihadabu ry’ibihumbi amajana abiri nico gihano umushikirizamanza wa sentare irwanya abarya ibiturire yasabiye OPJ Elias NSABINDEMYI akora mu buyobozi bukuru bw’igipolisi, mu rubanza rw’ikibiriraho. Uwo nawe akaba yagirizwa gufatanwa itonga mu kurya igiturire c’ibihumbi ijana. Ayo mafaranga ibihumbi ijana uwo mu OPJ Elias NSABINDEMYI akaba yayahawe n’uwo yaragiye guhagarika, atumwe n’umushikirizamanza. Mu nyuma uyo yari gufatwa niwe yahavuye afatisha uwo mu OPJ. Urubanza rukaba ruzosomwa ku wa 25 Myandagaro, muri sentare irwanya abarya ibiturire.
V. Urubanza rwaciwe ku munsi w’Imana na sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza, ku bantu batatu bagirizwa kugomba kugandagura umukuru w’igihugu, mu gutera amabuye imodokari zo mu bamugendanira, ngo ntirwakurikije amategeko ahubwo ngo abaruciye bashatse kunezereza no kwitonesha ku mukuru w’igihugu. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aho avuga ko umushikirizamanza ivyo yashikirije sentare atari ivyo yakoreyeko. Ikindi uwo yanonosoye amategeko avuga, n’uko urwo rubanza rutera iceyi ubutungane bw’Uburundi mu kwerekana ko butigenga. Asaba sentare y’iyungururizo ko hamwe abaciriwe urwo rubanza boyitura, bosoma amategeko maze bagaca urutumbereye. Umushingwamanza Janvier Bigirimana.
VI. Abantu bagera ku bihumbi 33, nibo bamaze kumenyekana ko banduye umugera wa coronavirus mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko gushika kuri uno wa 11 Myandangaro umwaka wa 2020. Muri abo, abamaze kwitaba Imana bagera ku majana 500, nkuko ibitigiri bitangwa n’ama leta y’ivyo bihugu abimenyesha.
VII. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu basaba impapuro ndangamatongo. Bavuga ko igisata OBUHA gitanga izo mpapuro kizitevya kandi izo mpapuro ziba zikwije ivya ngombwa. Bakavuga ko ivyo bishobora gutuma Uburundi buronka amanota make mu karere muco bise Doing Business.
VIII. Mu gihe buca hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka, umushikiranganji ajejwe urwaruka Ezechiel NIBIGIRA yasohoye itangazo, aho atera akamo urwo rwaruka gukorera hamwe mu mashirahamwe, mu ntumbero yo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu. Umushikiranganji NIBIGIRA amenyesha ko urwaruka rubwirizwa kugira uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu.
IX. Mu Burundi ibirori vyo guhimbaza uwo musi mpuzamakungu wahariwe urwaruka, bizoba ejo ku musi wa gatatu ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega. Icivugo cawo kikaba ari; « Urwaruka tuje hamwe dukure amaboko mu mpuzu; twironderere ubuzi; duterere mw’iterambere ry’igihugu. »