I. Abanywanyi 10 b’umugambwe CNL bo ku musozi Kibenga, komine Gatara n’intara ya Kayanza, barapfunzwe kuva ku musi w’Imana uheze. Bagirizwa icaha co kugumuka mu gihe biyamirije ifatwa ridakurikije amategeko ry’abagabo babiri baherutse guhunguka bava mu gihugu ca Uganda. Umuhanuzi wa musitanteri ari kumwe n’imbonerakure nibo bafashe abo bagabo, bongera bafata n’abo banywanyi.
II. Abantu 11 nibo bafashwe n’igipolisi mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatatu. Bose bava ku mutumba Mugendo-Ndengo, zone Nyagasasa, komine Mugamba y’intara ya Bururi. Bose bahagaritswe ku mvo z’amatohoza y’igandagurwa ry’umukenyezi n’umwana wiwe, haraheze iminsi 10. Iryo fatwa rikaba rije rikurikira iry’umukozi yakorera uwo muryango, ryabaye kuri uyu wa kabiri, ari nawe akekwa gukora ubwo bwicanyi.
III. Abantu batanu nibo bamenyekanye kuba barishwe mu ndwi zibiri ziheze mu ntara ya Muyinga, mu ma komine ya Giteranyi, Mwakiro na Muyinga. Batatu muri abo, babasanze bapfuye bamanitse ku migozi. Mu gihe abajejwe intwaro bamenyeshako baba biyahuye, imiryango yabo yoyo ivugako ababo baba bagandaguwe.
IV. Ubwo bwicanyi bwimonogoje i Muyinga buraraje ishinga abanyepolitike batavuga rumwe na leta. Akarorero ni Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akaba ari n’imvukira yo muri iyo ntara. Ahamagarira ubutegetsi kwerekana ko atari bwo buri inyuma y’ubwo bwicanyi, abugabisha ko bitabaye uko buzoshengezwa imbere y’ubutungane. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira, ngo kubona abajejwe intwaro ataco babikorako, vyoba vyerekana ko batazi ico bajejwe.
V. Abantu 375 nibo bamenyekanye ko banduye ikiza c’umugera wa Corona mu misi ibiri mu bice bitandukanye ku bipimo birenga 7500 vyakozwe, nk’uko biri mu cegeranyo c’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu co kuwa 10 Myandagaro 2021. Uturere tw’ubuvuzi twa Muramvya na Kibumbu tukaba aritwo tuza imbere ku rugero rwo kwandura rungana na 25%.
VI. Umubabaro ni wose mu mpunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo. Imvo n’ingingo zafashwe mu nama yo kuri uyu wa mbere y’abaserukira ishirahamwe HCR n’abajejwe intwaro, zibuza izo mpunzi gusubira kuja kwisumamwo hanze y’ikambi. Umwe muri zo yaganiriye na radiyo Inzamba, avuga ko iyo ngingo izotuma haba inzara nyinshi mw’ikambi. Mw’ishirahamwe riharahanira agateka k’impunzi CBDH-VICAR baratera ivyatsi iyo ngingo ibuza impunzi uburenganzira bwo gusohoka ikambi.
VII. Leta ya Tanzaniya iriko irahonyanga amategeko mpuzamakungu agenga impunzi. Aho n’inyuma yaho imiryango igera kuri 80 y’impunzi z’abarundi zari mw’ikambi ya Mtendeli ziteguriye kwimurirwa mw’ikambi ya Nduta kuri uyu wa mbere zitashoboye kwimurirwa, ku mvo zitamenyeshejwe, mbere n’amazu babamwo aho i Mtendeli akabomorwa. Ivyo vyashikirijwe n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Uwo mushingwamanza asaba leta ya Tanzaniya n’ishirahamwe HCR gutorera umuti iyo miryango itararonswa aho ikika umusaya.
VIII. Urwaruka rurasabwa gukorera hamwe rukagwiza umwimbu mu gukoresha iterambere rya none. Umushikiranganji Ezéchiel Nibigira aranakebura urwo rwaruka kwirinda ibirusamaza. Uwo mushikiranganji yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, mu gihe kuri uyu wa kane amakungu azohimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka. Uwo musi mukuru ukazohimbarizwa mu ntara ya Gitega.
IX. Umuhari mpuzamakungu w’urwaruka MIJB wowo usaba urwaruka kuhagabira mu kwima amatwi abanyepolitike bamwe bamwe baruhamagarira mu bwicanyi. Bishikirizwa na Butoyi Etienne, icegera c’uwurongoye umuhari MIJB. Ku bwiwe ngo urwaruka nirwo nguvu na kazoza k’igihugu iyo ruvyitwayemwo neza, mu guharanira iterambere ry’igihugu.