I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yakuye mu mabanga abacamanza 40. Mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo ku wa 10 myandagaro umwaka wa 2022, abo bacamanza barahanishwa umunyororo uva ku mwaka umwe (1) gushika kuri cumi n’itanu (15) hamwe no kuriha ihadabu y’amafranga ari hagati y’ibihumbi 20 n’imilioni 3 n’ibihumbi amajana atatu mu mafranga y’amarundi. Ibisigura y’uko imanza zabo zabaye ntabanduka. Yamara abize ivy’amategeko baranegura iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu, kuko rihushanye n’ivyo yari yashikirije kuko abo bacamanza bose badakurikiranwa kurya ibiturire, guhorwa amakosa y’akazi ; hari n’abandi mu bagirizwa ivyo vyaha imanza zabo zitari bwabe ntabanduka. Ku bw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, abo bacamanza bose bakwiye gusubizwa umutamana.
II. Abanyororo bo mw’ibohero rya Gitega baratabaza ko bamaze imisi irenga 10 bataronswa igifungurwa c’ifu y’imyumbati. Bavuga ko ibura ry’ibifungurwa mu mabohero riguma rifata umurindi udasanzwe, ibishobora no gutuma hari abanyororo bashobora kwicwa na kigoyi. Basaba ubuyobozi bukuru bw’amabohero hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane guhagurukira ico kibazo.
III. Imyidogo ni yose mu badandaza bakorera mw’isoko yo kw’i Jabe muri zone Bwiza, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Iyi myidogo ikaba ituruka ku mafranga bariko barakwa ari hagati y’ibihumbi amajana abiri n’ibihumbi amajana atatu, avugwa ko ari ayo guhemba abafundi. I ruhande yaho, abo badandaza isoko icugururwa bari batanze umwe wese amahera arenga ibihumbi amajana atandatu. Babona ko ari ubusuma burengeje.
IV. Imisi cumi n’ine (14) ni yo yahawe abakora ibarabara ry’igihugu rigira gatatu igice ca Rumonge-Nyanza lac, kugira ngo babe batanguye ibikorwa. Iyo ngingo yafashwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni. Yagiriza abo batsindiye isoko kudindiza ibikorwa.
V. Leta ya Tanzaniya ikwiye gucungera umutekano w’impunzi zose ziba mu makambi ata kuvangura. Ivyo bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani ruharanira agateka k’impunzi z’abarundi ziba mu makambi CBDH-VICAR. Ni mu gihe urwo runani rwakiranye umubabaro mwinshi igandagurwa ry’umupfasoni yaba mw’ikambi y’I Nduta, mw’ijoro ryo ku munsi wa kabiri, bagasaba ko hokorwa amatohoza kugira hamenyekane uwakoze iryo bara.
VI. Ibiriko birashikirizwa n’umugwi w’impunzi z’abarundi barungitswe bava mu Burundi ngo kuraba ukwo umutekano mu gihugu wifashe, harimwo imvugo zihushanye. Bishikirizwa na bamwe mu mpunzi bari mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. Bamwe mu mpunzi bari baratahutse I Burundi bemeje ko basubira guhunga umutekano muke. Ariko rero bageze mu gihugu ca Tanzaniya, bakavuga ko amahoro yiraye mu Burundi.