Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/08/2023

Publié le 11 août 2023 par Rédaction
I. Abahutu b’incabwenge harimwo n’abari batowe n’abanyagihugu baragandaguwe inyuma y’amatora yo mu 1960, inyuma y’aho umwami w’Uburundi Mwambutsa ahungiye igihugu. Bivugwa na Pierre Claver Ndayicariye, hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane i Bujumbura. Muri bamwe mu bo yagiriza ubwo bwicanyi, avugamwo capitaine Michel Micombero na Arthémon Simbananiye, umwe yarajejwe igisirikare, uyundi nawe ajejwe ubutungane.
II. Ku bw’ishirahamwe AC Génocide Cirimoso, igisata ca Canada, uyo mugwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR, wamye ukoreshwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bubicishije kuri Pierre Claver Ndayicariye, amenyerewe mu bubeshi. Dr Emmanuel Nkurunziza, arongoye AC génocide Cirimoso, igisata ca Canada, aributsa ko ubwo bwicanyi bwabaye inyuma y’aho hahatswe kuba gutembagaza intwaro ya cami, biteguwe na bamwe muri izo ncabwenge z’abahutu, bisunze ico bise « révolution sociale » mu Rwanda y’ico gihe. CVR yategerezwa no kwerekana ko hariho n’abatutsi bishwe ico gihe nyene mu ntara ya Muramvya.
III. Naho bigaragara ko abahutu ari benshi bari mu gisata c’ubutungane kuva umugambwe CNDD-FDD ufashe ubutegetsi, ntacahindutse uravye umwimbu uva muri ico gisata. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, kuri uyu wa gatatu muri komine Kiremba y’intara ya Ngozi. Ku bwiwe mu gutanga akazi muri ico gisata, horabwa intwari zibishoboye zikorera abarundi bose.
IV. Ku bw’umushingwamanza Vital Nshimirimana yahoze arongoye syndicat y’abacamanza mu Burundi SYMABU, abacamanza bahabwa akazi n’abo bategetsi nyene harimwo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. N’intonde z’abahabwa akazi zibanza gusuzumwa mu ngoro y’umugambwe CNDD-FDD. Nta butungane bwokorera abarundi bose mu gihe buguma mu kwaha kw’uyo mugambwe.
V. Imyidogo ni myishi mu bigisha n’abahemberwa mu mashirahamwe amwe amwe yo kuziganya no kuguranana, akorera mu ntara ya Rumonge. Basigura ko kuva uku kwezi gutangura kw’umunani, bigorana kuronka amahera. Amakuru dukura muri iyo ntara, amenyesha ko atawe bemerera gukura kuri konte yiwe amafranga arenga ibihumbi amajana atanu. Bakavuga ko bibatera ingorane mu miryango no mu mirimo yabo ya misi yose.
VI. Hari umukozi akora ku bitaro vy’i Gahombo mu ntara ya Kayanza avuga ko ariko arenganywa n’umuyobozi w’ivyo bitaro, Dorine Kanyange. Ivyo biri uko mu gihe umuyobozi yasubiyemwo imishahara y’abakozi kugira baje ku rugero rumwe n’abakozi bahembwa na Leta, uyo mukozi akora ku modoka ya rusehabaniha ngo aramukuramwo, kandi yarabifitiye uburenganzira nk’abandi bakozi bakorana. Asaba kurenganurwa.

Ibindi bisa n'ibi