I. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru iwacu barengukishijwe ku muhingamo wo kuruno wa mbere imbere y’abacamanza ba sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa bashashe mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru batumweko bukwi na bukwi batarikumwe n’abababuranira nkuko vyanditswe ku rubuga rwa Tweeter na Antoine Kaburahe umuyobozi w’ico kinyamakuru. Abo bamenyeshamakuru banse kwishura kubibazo vy’abacamanza batarikumwe n’abababuranira. Twibutse ko uno musi ugize 21 abo bamenyeshamakuru bane bikinyamakuru Iwacu n’umushoferi wabo bafunzwe. Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana, Adolphe MASABARAKIZA bafashwe italiki 22 z’ukw’icumi bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye ingwano yariko ihuza abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano i Musigati mu ntara ya Bubanza. Bagirizwa gukorana n’abahungabanya umutekano w’igihugu. Kw’igenekerezo rya 31 sentare nkuru y’intara ya Bubanza niho yafata ingingo yo kubagumiza mw’ibohero. Ikinyamakuru Iwacu caciye kimenyesha ko kigiye kwunguruza. Amashirahamwe atandukanye hamwe n’abanyapolitike ntibahengeshanya gusaba ko abo bamenyeshamakuru borekurwa.
II. Abanywanyi batatu b’ umugambwe CNL kuri uyu wa mbere muri komine Gashikanwa bahagaritswe ku mutahe w’umushikirizamanza wa Républica mu ntara ya Ngozi. Icatumye bahagarikwa nta washoboye kukimenya.
III. Umutekano wa bamwe mu banyororo bo mwibohero rikuru rya Rumonge ntiwifashe neza, benshi muri bo n’abafunzwe bagirizwa ivya politike. Ivyo biva ku nkuru yashikirijwe ku ma Radiyo y’ugutabariza umunyororo Kiyambu Gérard yasinzikarijwe ubuzima akubiswe ivyuma n’abandi banyororo kw’itegeko ry’uwujejwe umutekano muri iryo bohero kugera aho ataba agishobora kwicara. Kuva iyonkuru iciye kuma Radio, haciye hatangura amatohoza akomeye yo kumenya uwatanze inkuru uwariwe kugira bamuhane, niyo telefone yakoreshe bayimwake.
IV. Urunani rw’abarundi bakurikiranira hafi ibikorwa vya sentare mpuzamakungu mpanavyaha CB-CPI rurikumwe n’urunani rw’abamenyeshamakuru b’abarundi bakurikirana ibikorwa vy’iyo sentare, batanguje isekeza ry’iminsi 90 yo guhimiriza abakorewe amabi mu Burundi kuva muri 2015. Umushingwamanza Lambert NIGARURA arongoye urwo runani, ngo kazoba ari akaryo ko kubamenyesha uruhara rwabo n’uburenganzira bazoba bafise mu gihe imitahe y’abakekwa kubakorera amabi yosohoka.
V. Umugambwe RANAC ngo uriko uritunganya kugira ushikirize uwuzowuserukira mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu mwaka wa 2020. Uwo mugambwe ariko ngo ushaka kuzoja hamwe n’iyindi migambwe kugira ngo ushobore guhangana neza n’umugambwe uri ku butegetsi. Umukuru w’uwo mugambwe Aloys Baricako; abonako atayindi nzira yo gutembagaza ubutegetsi buhari.
VI. Kw’igenekerezo rya cumi na kabiri na cumi na gatatu za kuno kwezi ku cicaro c’ishirahamwe ry’umuryango w’ubumwe bwa Afrika hazoba inama yo kurabira hamwe uruhara rw’umukenyezi mu matora n’ingene yoserukirwa bikwiye. Umugambwe APDER watanze umukenyezi ngo azowuserukire mu matora yo mu 2020 waratumiwe muri iyo nama aho ngo kazoba ari akaryo keza ko gusaba ko umukenyezi yohimirizwa ngo yitoze mu nzego zitandukanye harimwo n’urw’umukuru w’igihugu. Gabriel Banzawitonde arongoye uyo mugambwe APDER.