Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/11/2021

Publié le 11 novembre 2021 par Rédaction
I. Imyidogo ni yose mu bigisha bo muri komine Makebuko, yo mu ntara ya Gitega, biturutse kw’itangishwa ku nguvu ry’amafaranga yo kwubaka ikibuga c’inkino (stade mu rurimi rw’igifaransa) c’iyo komine. Abo bigisha bavuga ko ubu hari abirukanwa mu kazi abanyeshure barorera, kubera batatanze intererano basabwa yo kubaka iyo stade. Ivyo bigakorwa n’abayobozi b’amashure.
II. Abavyeyi b’abanyeshure biga mu mashure y’intango n’ayisumbuye muri iyo komine ya Makebuko bagiriza umuyobozi w’indero muri iyo komine, kubatangisha amafranga agenewe guhemba abigisha b’abakutsakivi. Umwana atayatanze ku gihe aca yirukanwa. Ibituma badaheza ngo bakurikirane ivyigwa neza.
III. Ukwirengangiza urucanco rwa Covid-19 kw’abategetsi b’Uburundi kuraraje ishinga ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika. John Nkengasong, arongoye CDC Africa, ikigo kijejwe gukinga no gucungera indwara z’ibiza muri uwo muryango, ahamagarira indongozi kwerekana akarorero mu kuja kwicandagisha. Avuga ko ivyo bizotuma abanyagihugu bagira icizere ku ncanco bazoba bariko barahabwa. John Nkengasong arongera agasaba ko abantu bokwitaho kuza baripimisha ico kiza kugira umugabane w’Afrika ntusubire kugwa mu kaga.
IV. Mu rugendo rw’iminsi itanu arimwo muri Emirats Arabes Unis ahariko habera ihayanisha gurisha mpuzamakungu ry’ibidandanzwa, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaritabiriye kuri uyu wa gatatu ibirori vy’ukugurura umunsi wahariwe ihayanishwa ry’Uburundi. Mw’ijambo ryo gutanguza ico gikorwa, Evariste Ndayishimiye yatumiriye abarwizatunga bo muri ico gihugu co kimwe n’abandi bo mu bindi bihugu, kuzana imitahe yabo bagakorera mu bisata bitandukanye harimwo ibijanye n’uburimyi, ubutare n’agataka.
V. Ngo igihugu c’Uburundi ntigishobora gutera imbere igisata c’abikorera utwabo kikimeze uko kiri ubu, kuko kidashigikiwe. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Hakaba hari kuri uyu wa kane mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Avuga kandi ko bituma igihugu c’Uburundi arico kiza ubwa nyuma mu karere ku mitahe yinjira mu gihugu.
VI. Uwo muhinga mu vy’ubutunzi, avuga kandi ko ikizingamitse ico gisata ari uko abagwizatunga badafatwa co kimwe  hashirwe imbere guhiganwa. Umutekano muke, ibura ry’umuyagankuba, ibiturire, hamwe n’ubucamanza bugoyagoya, ngo ni bimwe muri vyinshi bihaze kugira ngo ico gisata gitere imbere. Faustin Ndikumana.
VII. Leta y’Uburundi ngo yarahomvye cane igihe ishirahamwe DANYLAND ryari ryahawe uburenganzira bwo gucukura ubutare bita Nickel rihagaritse ibikorwa vyayo mu mwaka wa 2012. Ako gahombo karemezwa na Didace Ntirampeba, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe ubutare n’amabuye y’agaciro. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, yamenyeshejeko  kubera  amakuru n’ubushobozi buke bujanye no gutohoza ivyerekeye ubutare, ico kigo ngo kizogira ingorane mu gikorwa co kubandanya igikorwa cari catangujwe n’iryo shirahamwe DANYLAND.
VIII. Bivugwako ishirahamwe DANYLAND ryahagariste ibikorwa vyo gukora amatohoza ku bijanye no gucukura ubutare bwa Nickel mu karere ka Muremera, kubera ibiciro vy’ubutare vyari vyagabanutse cane ku masoko mpuzamakungu.

Ibindi bisa n'ibi