-
Amnesty International ishami ry’i Bayonne mu Bufaransa riratera akamo ubutungane ko umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yorekurwa vuba kandi atagisable. Iryo shirahamwe ryizeye ko ikete riheruka kwandikira umushikiranganji w’Ubutungane rizokwumvirwa.
-
Ico kiganiro cabaye inyuma y’igiteramo categuwe n’iryo shami rya Amnesty International ry’I Bayonne kugira bashigikire abaharanira agateka ka zina muntu b’Abarundi bari mu buhugungiro, na cane cane ligue Iteka bamaze imyaka 22 bakorana. Amnesty International ikavuga ko itewe inshinga n’abo baharanira agateka ka zina muntu, ifatiye ku buryo bugoye bakorera mwo, bituma ubuzima bwabo bugeramirwa.
-
Abakenyezi badandariza mw’isoko ya Cibari muri zone Munagano, komine Muyinga, bidogera Musitanteri wa Komine Muyinga kwatubahiriza uburenganzira bwabo bwo gutahira aho bashakiye bava mw’isoko ya Cibari. Abo bakenyezi bakavuga ko baherutse kugaranigwa mur’iyo Soko ya Cibari bagataha bwabiriyeko. Musitanteri wa Komine Muyinga amenyesha ko imyidogo yabo bakenyezi idafise ifatiro kuko banse gushira mu ngiro amasezerano yo kudandariza mw’isoko ya Cibari hanyuma bakaja kubandaniriza mu bibanza bindi guhera isaha y’icenda y’umuhingamo.
-
Imyidogo ni yose mubigisha bo muri komine Giharo mu Ntara ya Rutana,Invo nyamukuru akaba aruko bategetswe kwigurira ibikoresho babwirwa ko bazosubizwa amafaranga babiguze ngo bararindiriye amaso ahera munzira..Basaba ko borenganurwa bagasubizwa ayo mafaranga batanze.
-
Kw’isoko: Intambara zahuje hagati y’abasirikare b’abarundi barungitswe mu gihugu ca Congo n’umuhari M23, intambara uwo muhari uvugako wafatiyemwo bamwe mubasirikare babarundi.
-
Ivyanditswe nibinyamakuru bitandukanye ku Burundi