Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/12/2019

Publié le 11 décembre 2019 par Rédaction

I. Imyaka ine irarumanye neza amakambi y’igisirikare atatu ; Ngagara ; Musaga na Mujejuru zitewe n’abantu bitwaje ibigwanisho. Inyuma y’ico gitero; abantu isinzi na cane cane urwaruka bo muma karitiye yagwanije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, barishwe abandi baranyuruzwa.

II. Abantu bashika 250 bo muri komine ya Kayanza, n’intara ya Kayanza nyene, ni bo batagira aho bakika umusaya. Ivyo bikaba vyaturutse ku mvura nyinshi imaze imisi itari mike igwa muri ako karere. Iyo nayo ikaba yatumye amazu 250 nyene abomoka. Muri ayo, ayashika 100 akaba yarasenyutse burundu. Muri kino gihe rero abo bahuye n’ivyo vyago bakaba batse indaro ku ncuti n’abagenzi. Iruhande y’ivyo, ibarabara rya Bujumbura – Kayanza rikaba ryononekaye cane kubera isi yo ku nkombe z’ibarabara iza irirabomoka mu turere dutandukanye. Ivyo bigatuma ukwiyunguruza kw’abantu, bigera igihe bigahagarara mu gihe imisozi y’ivu itaba irakurwa mw’ibarabara. Ibintu bigashobora kugenda vyunyuka kuko iyo mvura ibandanya n’ubu igwa urutavanako. Abanyagihugu bahuye n’ivyo vyago bagasaba abagiraneza kubagarukirako.

III. Imyidogo ni yose kubijanye n’iyandikwa ririko riraba muri komine Ntega, kubatari bariyandikishije ngo bazokwitabe amatora yo mu mwaka wa 2020.  Muri zone Mugendo, iryo yandikwa ririmwo amahinyu menshi kuko abarekuriwe kwiyandikisha kandi bafise ivyangombwa batandikwa.

IV. Muri ino minsi, hariko haribonekeza abarundi batari bake bariko barahungira mu bihugu duhana imbibe, muri abo bahunga bakaba barimwo n’abari baherutse guhunguka bavuye mu gihugu ca Tanzania. Abarenga 2000 nibo bariko barakirwa mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe muri Republika Iharanira Demokarasi ya Congo.

V. Umunyepolitique Tasiyano Sibomana, akavuga ko ivyo bibabaje, ko kandi ikibituma ari umutekano muke uri mugihugu. hakiyongerako abantu babandanya kuburwa irengero.

VI. Abanywanyi baharurwa kuri batandatu baturuka mu mugambwe CNL, nibo bapfungiwe mu gasho ka komine MUSIGATI, y’intara ya Bubanza kuva ku musi w’Imana uheze. Bafashwe n’imbonerakure zifadikanije n’igipolisi. Amakuru ava ngaho muri komine Musigati, avuga ko abo banywanyi ba CNL bagirizwa gusiga irangi ingoro y’umugambwe, ku mutumba Kanazi mu masaha y’ijoro.

VII. Abarongoye umugambwe CNDD-FDD, muri komine Kabarore y’intara ya Kayanza, bararerwa gucuruza biciye muri magendo ubutare mu bihugu bihana urubibe n’u Burundi. Mw’ijoro ryo ku wa mbere ushira uwa kabiri w’iyi ndwi turimwo, imbonerakure zari zikoreye ubwo butare zaratanye mu mitwe n’abandi bari bacungereye urubibe rw’u Burundi n’igihugu c’u Rwanda.

VIII. Kubona igisata c’ubutare hageze aho bakirwaniramwo abatware mu ma komine, ngo ni ingaruka mbi y’uko ata mategeko akurikizwa muri ico gisata. Bivugwa na Gabriel RUFYIRI, arongoye ishirahamwe  rirwanya isesagurwa ry’amatungo ya reta no kurya ibiturire OLUCOME. Ku bwiwe, ikindi bivako n’uko ubusuma bw’ubwo butare bukorwa n’abantu baba bakingiwe n’inguvu z’ubutegetsi.

IX. Mu gisata c’igipolisi c’igihugu, igisirikare, n’ibijanye no gutanga amasoko ya leta niho igiturire catse indaro gusumba ahandi. Biri mw’itohoza, sondage mu rurimi rw’igifaransa, riheruka gukorwa n’urunani rw’amaradiyo: Inzamba, RPA na Télévision Renaissance. Ibice 80 kw’ijana vy’abitavye iryo tohoza, baremezako batanze igiturire kugira baronke muri leta ico bari bakeneye, kandi bari  bagifitiye uburenganzira, ico giturire ngo cagiye cimonogoza muri iyi myaka ine  iheze.

Ibindi bisa n'ibi